N’ubwo ikibano ciza mu Burundi kimaze gutera intambwe, ibigikeneye utwigoro twa bose vyovyo ntibibuze
Itariki: 17/01/2025Ababisomye 408 Vyamenyekanishijwe na : Sr Miburo Yvonne de Jésus
Mu burundi, mu mwaka wi 2024, intambwe nziza zaratewe mu vy’ikibano ciza, ariko biraboneka ko hagikenewe utwigoro twa bose mu butandukane bwabo.

Mwishirwa nu ngiro ry’umugambi «Dukire Tubane» ishirahamwe mpuzamadini mu Burundi (CICB) rifashwe mu mugongo n’ishirahamwe CRS, haratunganijwe uruganda, ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 10 Nzero 2025. Urwo ruganda rwari urwo gusuzuma ivyavuye mu cirwa c’umwihwezo w’ikibano ciza hagati y’abarundi, rukaba rwabereye mu nyubakwa y’amanama y’ihoteri «King’s Conference Centre» y’i Bujumbura.


Urwo ruganda rwahuje indongozi z’amadini ahurikiye muri CICB, indongozi z’imigambwe ihurikiye mu rwego mpuzamigambwe be n’abajejwe intwaro. Ni uruganda rwaje mu rukurikirane rw’izindi nganda zitandukanye zagiye ziraba mu ntumbero y’uwo mugambi «Dukire Tubane», haraheze imyaka ine, abahurikiye muri iryo shirahamwe mpuzamadini bagerageza guhimiriza abari mu migwi itandukanye y’ubuzima bw’igihugu ngo bashire imbere, mu butandukane bwabo bwose, ikiyago n’ingingo nk’inzira yo gutsimbataza ikibano ciza n’amahoro vyo mushinge w’iterambere rirama.

Mu kiganiro catanzwe na Nyenicubahiro Musenyeri Joachim Ntahondereye arongoye ishirahamwe CICB akaba n’Umwepiskopi wa Diyoseze Katolika y’i Muyinga, yavuze ko intumbero y’urwo ruganda ari iy’uguterera ngo mu gihugu c’Uburundi haboneke ikibano ciza, haba hagati y’abanyamigambwe itandukanye, hagati yabo n’abashinzwe intwaro, be no hagati yabo n’abenegihugu muri rusangi.

Ku bw’iyo ndongozi y’ishirahamwe CICB, ivyo ngo bisaba ko habaho ikiyago gishingiye ku kwubahana no kwemera ko abantu bose ari magiriranire, maze abantu bakayaga batumbereye kwubahiriza iciza kiri mu wundi, mu bo babana, mu bo bavugana, kandi bagatumbera kugiha agaciro, kugira ngo umwe umwe wese agire intererano atanze ngo igihugu kibeho mu butungane n’amahoro arama mu kwubahiriza uburenganzira bw’umwe wese ku buzima bw’imibano n’igihugu.


Ku vyerekeye umwihwezo ku kibano ciza hagati y’abarundi, mw’ishirahamwe CICB ngo barabona ko hariho ibisata bimwe bimwe vy’ubuzima bw’igihugu usanga harimwo akarusho, nk’uko vyabandanije bishikirizwa n’uwo muyobozi, ku bisata bitatu basuzumye: igisata c’imibano n’imico, ic’ubutunzi be n’ic’intwaro (politike).

Mu gisata kimwe kimwe ngo hari aho akarusho kaboneka, n’ibindi vyerekana ko impinga ikiri ndende, ko hagikenewe ivyo gukorwa ngo hagire akarusho kaboneka. N’aho igisata c’imibano n’imico ari co catanze amanota adateye ubwoba cane, ariko igisata c’ubutunzi n’ica politike vyovyo ngo vyerekana ko abarundi batari bake badashimishwa n’ukuntu ivy’ugushikira uburongozi be n’uburinganire mu vy’ugushikira itunga rusangi vyifashe. Vyongeye, ngo ivyiyumviro vy’abenegihugu ntivyitwararikwa n’abajejwe intwaro. Ahandi na ho ngo haribonekeza agahaze kanini mu bijanye no gutorera umuti amatati.


Mu gihe urwo ruganda rwateguwe himirije amatora y’abashingamateka azoba muri Ruheshi 2025, abitavye urwo ruganda basavye ko hoba uguha agaciro amatora no gukomeza ubumwe bw’abantu bushingiye ku ntwaro rusangi ikora neza, ukwubahiriza uburenganzira n’imigambi y’abanyagihugu, hamwe n’uguteza imbere inyungu rusangi, ukwihanganirana, ukubabarirana n’ugusubiza hamwe, ukurwanya ibiturire, ukwubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu no kugwiza utwigoro two gukorera hamwe ibikorwa rusangi n’ikiyago mu butandukane bwacu bwose ata buryarya.

Twaregereye umukuru w’ihuriro ry’imigambwe mu Burundi, Umushingamateka Félicien Nduwuburundi. Yarashimangiye ko abarundi babana neza, kandi ko hari ibimenyetso vyerekana ko ubumwe bw’abantu bushoboka. Yagize ati: «Haraheze  imyaka 20 inyuma y’amagume yamaze imyaka 10; tugereranije aho twari n’aho turi uno musi, turabona ko hariho itandukaniro rinini cane.» Yasavye abarundi bose guharanira amahoro n'umutekano no kwubahiriza amategeko, kuko ngo ata kwubahiriza amategeko haba ugusubira inyuma.

Uwundi twayaze mu bari bitavye urwo ruganda ni umwe mu baserukiye umuryango w'abisilamu mu Burundi COMIBU, Sheikh Amini Abdalah, na we nyene yaremeje ko hariho iterambere rikomeye rimaze guterwa mu bijanye n'ikibano kibereye hagati y'abantu mu Burundi. Ariko kandi ntahakana ko hakiriho ibigikenewe gutezwa imbere, ivyo ku bwiwe ngo bikaba bisaba utwigoro twa bose ku neza rusangi. Akaba yarasavye ko inganda nkizo zokomezwa, kugira ngo ubumwe bw’abantu n’ikiyago gihuza abantu bose bitsimbatazwe.


Ku bw’urwo ruganda, vyaribonekeje ko ugukomeza ikibano ciza bisaba uruhara rw’umunyagihugu wese, ukwiyemeza kw’inzego za Leta, abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’amadini, kandi ko ukuroranirwa muri iyo nzira kuzovana n’ikiyago camaho kandi kivuye ku mutima uzira uburyarya, ukwemerana mu butandukane bwacu n’ukuronderera hamwe inyishu ku bw’iteka n’itekane mu gihugu.

Mama Yvonne wa Yezu Miburo, CEDICOM

Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu,

wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.

 

Mana yanje, n’umpe umutima mweranda,

unsubize akanyamuneza k’urukiza rwawe.

 

Urakaninahazwa, Kristu,

wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (5, 1-3a. 5-16)

 

Ku musi mukuru w’Abayuda, Yezu aduga i Yeruzalemu. Hagasangwa rero i Yeruzalemu, iruhande y’Irembo ry’Intama, hari iriba ryitwa mu gihebreyi Betsata, rikagira ubwugamo butanu. Muri bwo, hama haryamye isinzi ry’abarwaye, impumyi, abacumbagira n’abamugaye. Hagasangwa aho hari umuntu yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani ari ikimuga. Yezu amubonye aho arambaraye, amenye kandi ko yari ameze atyo kuva kera, amubwira ati: «Ushaka gukira?» Nya kimuga kimwishura kiti: «Mbe Mukama, ko ntafise uwunterera mw’iriba ikivi amazi asebuye; ndamuka ngiye, ngasanga uwundi yahantanze!» Yezu amubwira ati: «Haguruka, tora uburiri bwawe, utambuke.» Maze ubwo nyene, nya muntu arakira, atwara uburiri bwiwe kandi agendagenda. Hagasangwa uwo musi wari isabato.

Abayuda niko kubwira uwari yakize bati: «Ni isabato, ntushobora gutwara uburiri bwawe.» Arabishura ati: «Uwankijije ni we yambwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende.» Baramubaza bati: «Ni nde uyo muntu yakubwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende?» Uwari yakize ntiyari azi uwo ari we kuko Yezu yari yizimanganije kubera ishengero ryariho. Hanyuma Yezu amusanga mu gisengero amubwira ati: «Ntubona ko wakize, genda ntube ugicumura, woye gushikirwa n’akabi karuta.» Nya muntu aja kubwira Abayuda ko Yezu ari we yamukijije. Ni co catumye Abayuda bahama Yezu kuko yakoze atyo kw’isabato.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 101
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI