N’ubwo ikibano ciza mu Burundi kimaze gutera intambwe, ibigikeneye utwigoro twa bose vyovyo ntibibuze
Itariki: 17/01/2025Ababisomye 588 Vyamenyekanishijwe na : Sr Miburo Yvonne de Jésus
Mu burundi, mu mwaka wi 2024, intambwe nziza zaratewe mu vy’ikibano ciza, ariko biraboneka ko hagikenewe utwigoro twa bose mu butandukane bwabo.

Mwishirwa nu ngiro ry’umugambi «Dukire Tubane» ishirahamwe mpuzamadini mu Burundi (CICB) rifashwe mu mugongo n’ishirahamwe CRS, haratunganijwe uruganda, ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 10 Nzero 2025. Urwo ruganda rwari urwo gusuzuma ivyavuye mu cirwa c’umwihwezo w’ikibano ciza hagati y’abarundi, rukaba rwabereye mu nyubakwa y’amanama y’ihoteri «King’s Conference Centre» y’i Bujumbura.


Urwo ruganda rwahuje indongozi z’amadini ahurikiye muri CICB, indongozi z’imigambwe ihurikiye mu rwego mpuzamigambwe be n’abajejwe intwaro. Ni uruganda rwaje mu rukurikirane rw’izindi nganda zitandukanye zagiye ziraba mu ntumbero y’uwo mugambi «Dukire Tubane», haraheze imyaka ine, abahurikiye muri iryo shirahamwe mpuzamadini bagerageza guhimiriza abari mu migwi itandukanye y’ubuzima bw’igihugu ngo bashire imbere, mu butandukane bwabo bwose, ikiyago n’ingingo nk’inzira yo gutsimbataza ikibano ciza n’amahoro vyo mushinge w’iterambere rirama.

Mu kiganiro catanzwe na Nyenicubahiro Musenyeri Joachim Ntahondereye arongoye ishirahamwe CICB akaba n’Umwepiskopi wa Diyoseze Katolika y’i Muyinga, yavuze ko intumbero y’urwo ruganda ari iy’uguterera ngo mu gihugu c’Uburundi haboneke ikibano ciza, haba hagati y’abanyamigambwe itandukanye, hagati yabo n’abashinzwe intwaro, be no hagati yabo n’abenegihugu muri rusangi.

Ku bw’iyo ndongozi y’ishirahamwe CICB, ivyo ngo bisaba ko habaho ikiyago gishingiye ku kwubahana no kwemera ko abantu bose ari magiriranire, maze abantu bakayaga batumbereye kwubahiriza iciza kiri mu wundi, mu bo babana, mu bo bavugana, kandi bagatumbera kugiha agaciro, kugira ngo umwe umwe wese agire intererano atanze ngo igihugu kibeho mu butungane n’amahoro arama mu kwubahiriza uburenganzira bw’umwe wese ku buzima bw’imibano n’igihugu.


Ku vyerekeye umwihwezo ku kibano ciza hagati y’abarundi, mw’ishirahamwe CICB ngo barabona ko hariho ibisata bimwe bimwe vy’ubuzima bw’igihugu usanga harimwo akarusho, nk’uko vyabandanije bishikirizwa n’uwo muyobozi, ku bisata bitatu basuzumye: igisata c’imibano n’imico, ic’ubutunzi be n’ic’intwaro (politike).

Mu gisata kimwe kimwe ngo hari aho akarusho kaboneka, n’ibindi vyerekana ko impinga ikiri ndende, ko hagikenewe ivyo gukorwa ngo hagire akarusho kaboneka. N’aho igisata c’imibano n’imico ari co catanze amanota adateye ubwoba cane, ariko igisata c’ubutunzi n’ica politike vyovyo ngo vyerekana ko abarundi batari bake badashimishwa n’ukuntu ivy’ugushikira uburongozi be n’uburinganire mu vy’ugushikira itunga rusangi vyifashe. Vyongeye, ngo ivyiyumviro vy’abenegihugu ntivyitwararikwa n’abajejwe intwaro. Ahandi na ho ngo haribonekeza agahaze kanini mu bijanye no gutorera umuti amatati.


Mu gihe urwo ruganda rwateguwe himirije amatora y’abashingamateka azoba muri Ruheshi 2025, abitavye urwo ruganda basavye ko hoba uguha agaciro amatora no gukomeza ubumwe bw’abantu bushingiye ku ntwaro rusangi ikora neza, ukwubahiriza uburenganzira n’imigambi y’abanyagihugu, hamwe n’uguteza imbere inyungu rusangi, ukwihanganirana, ukubabarirana n’ugusubiza hamwe, ukurwanya ibiturire, ukwubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu no kugwiza utwigoro two gukorera hamwe ibikorwa rusangi n’ikiyago mu butandukane bwacu bwose ata buryarya.

Twaregereye umukuru w’ihuriro ry’imigambwe mu Burundi, Umushingamateka Félicien Nduwuburundi. Yarashimangiye ko abarundi babana neza, kandi ko hari ibimenyetso vyerekana ko ubumwe bw’abantu bushoboka. Yagize ati: «Haraheze  imyaka 20 inyuma y’amagume yamaze imyaka 10; tugereranije aho twari n’aho turi uno musi, turabona ko hariho itandukaniro rinini cane.» Yasavye abarundi bose guharanira amahoro n'umutekano no kwubahiriza amategeko, kuko ngo ata kwubahiriza amategeko haba ugusubira inyuma.

Uwundi twayaze mu bari bitavye urwo ruganda ni umwe mu baserukiye umuryango w'abisilamu mu Burundi COMIBU, Sheikh Amini Abdalah, na we nyene yaremeje ko hariho iterambere rikomeye rimaze guterwa mu bijanye n'ikibano kibereye hagati y'abantu mu Burundi. Ariko kandi ntahakana ko hakiriho ibigikenewe gutezwa imbere, ivyo ku bwiwe ngo bikaba bisaba utwigoro twa bose ku neza rusangi. Akaba yarasavye ko inganda nkizo zokomezwa, kugira ngo ubumwe bw’abantu n’ikiyago gihuza abantu bose bitsimbatazwe.


Ku bw’urwo ruganda, vyaribonekeje ko ugukomeza ikibano ciza bisaba uruhara rw’umunyagihugu wese, ukwiyemeza kw’inzego za Leta, abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’amadini, kandi ko ukuroranirwa muri iyo nzira kuzovana n’ikiyago camaho kandi kivuye ku mutima uzira uburyarya, ukwemerana mu butandukane bwacu n’ukuronderera hamwe inyishu ku bw’iteka n’itekane mu gihugu.

Mama Yvonne wa Yezu Miburo, CEDICOM

Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.

Umutima wanje uriteze Umukama,

ijambo ryiwe ni ryo nizeye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 6-13)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ni nde muri mwebwe afise umugenzi, agiye iwe mw’ijoro, akamubwira ati: Mugenzi, ngurana imikate itatu, kuko iwanje ndariwe n’umugenzi avuye ku nzira, ntagira ico ndamuzimana. Na we uwo ari mu nzu akamwishura ati: Nta co unyigorera, namaze kwugarira kandi twe n’abana turi mu buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndaguhe . Nyene kurarirwa yoshishikara gukomanga; ndababwiye: n’aho atovyuka ngo amuhe kuko ari umukunzi, yovyuka akamuha ivyo akeneye vyose, kuko ariko aramugora.

Nanje ndababariye: Nimusabe, muzoronka; nimurondere muzohambwa; nimwuguruze, muzokwugururirwa. Kuko uwusaba aronka, uwurondeye araronka, na we uwuguruje arugurunrwa. Muri mwebwe, hari umuvyeyi umwana yosaba umukate akamuha ibuye? Yamusaba ifi akamuha inzoka? Yamusaba irigi akamuha akamina? None, ko mwebwe, n’aho muri babi, muzi guha abana banyu ivyiza, So wanyu wo mw’ijuru we yonganya na nde mu guha Mutima Mweranda abamumusaba?»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi)   7h00 (en Kirundi) 8h15 (en Français)   10h00 (en Kirundi)   12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi) 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
C. Confession
Mardi à vendredi: après la messe matinale
Mardi et Jeudi : 16h00 Ă  17h30 (avant la messe)
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi toute la journée
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
Chapelle Busoro: 9h00
B. Adoration
Du lundi au vendredi: de 7h00 Ă  19h00
Samedi: de 7h00 Ă  13h00
Dimanche: de 13h00 Ă  16h00
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 7h30 (en Kirundi), 09h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
2. PAROISSE GAHAHE
4. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  18h00
Samedi : 05h30 Ă  06h30
2. PAROISSE GIHOSHA
5. PAROISSE KAMENGE
Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h15 (Kiswahili),11h00,16h30
Succursale Nyabagere : 6h00, 8h00, 10h00
Succursale Muyaga: 8h00, 10h00
Succursale Winterekwa: 8h00, 10h00
Succursale Gishingano : 8h00, 10h00
Succursale Nyambuye: 8h00, 10h00
Adoration Ă  la Paroisse
Mardi et Jeudi: de 7h00 Ă  18h00
6. PAROISSE KINAMA
A. Messes
Centrale: 06h00 (en Kirundi), 08h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gatunguru: 06h300 (en Kirundi), 09h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
2. PAROISSE KIVOGA TENGA
7. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
Jeudi: 16h30-17h30
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h30
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Messes de la semaine de Lundi Ă  Samedi: 06h30-17h10
Messes dominicales: 7h30-10h00, 10h00-12h30
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  14h00
2. PAROISSE BUGARAMA
3. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15 jusqu'à 18h00
4. PAROISSE KABEZI
5. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
6. PAROISSE KIROMBWE
7. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
8. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : de 15h00 Ă  16h00
9. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
10. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
11. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
12. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
13. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
Messes de la semaine du Lundi Ă  Samedi: 06h30-07h10Messes dominicales: 07h30-09h00, 10h00-11h30
B. Adoration
Jeudi : 14h00-15h00
14. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Deuxième Jeudi du mois : après la messe matinale jusqu'à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Dimanche : 7h30, 10h00
Succursale Fota: 06h30-07h30
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
5.PAROISSE GATABO
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Le premier jeudi du mois, toute la journée jusqu'à la messe de 17h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
07h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi après la messe matinale jusqu'à 17h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00-10h00, 10h30-12h00
B. Adoration
Jeudi matin: 07h15-08h15
Vendredi: 15h00-16h00
9. PAROISSE RUTONGO
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 326
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI