
Mu ntumbero yo kwifatikanya n’igisata c’ukumenyesha amakuru
c’i Vatikano mu guhimbaza yubile y’Imyaka 2025 y’Ekleziya Katolika, Diyoseze
Nkuru ya Bujumbura, ibicishije ku kigo cayo c’ukumenyesha amakuru CEDICOM,
iratumiye abakristu bakora muri ico gisata mu musi mukuru wabo wo guhimbaza iyo
yubile ku musi w’Imana igenekerezo rya 26 Nzero 2025, ku civugo: «Umwizero
ntutetereza».
Iyo yubile izohimbarizwa kuri Paruwase Katedrale Regina
Mundi, kuva kw’isaha zibiri n’igice zo mu gitondo (8h30). Bazotangurira ku
nyigisho zizobera muri chapelle Regina Mundi, bace babandanyiriza ku nkuka
y’imisa mw’isengero nkuru.
Hatumiwe abo mu gisata c’ukumenyesha amakuru bose, abayobozi
b’ibimenyeshamakuru, abigisha n’abanyeshure bo mu bisata vyo kumenyesha amakuru
(communication et journalisme), abanditsi, abakinyi b’amareresi n’abahinguzi
bayo, hamwe n’abahinga mu vy'ubuhinga ngurukanabumenyi (informaticiens),
n'abandi bose begwa n'ico gisata.
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura irabahaye ikaze muri beshi, ngo mwironkere inema n’imihezagiro idasanzwe ya yubile yo muri uyu mwaka mweranda 2025 ! Menya neza: Yubile nk’iyi, iba rimwe mu myaka 25 ! Ntiducike rero !
Aleluya, aleluya.
Amajambo yawe, Mukama, aduha umutima n'ubuzima,
kuko ari Wewe ufise amajambo y'ubuzima budahera.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Luka (7, 31-35)
Muri irya misi, Yezu yabariye ishengero ry'Abayuda ati: «Mbe abantu ba none nobagereranya na nde? Basa na nde? Basa n'abantu bicaye ku nama bagahamagarana bakabwirana bati: Twabavugirije umwironge ntimwatamba; twakomye induru ntimwarira. Raba, Yohani Batista yaje ata mukate arya, ata mvinyu anywa; none muvuga muti: arimwo ishetani. Umwana w'umuntu yaje arya, anywa; none muvuga muti: Ni umuryi wa cane, ni umunywi w'imvinyu, ni umukunzi w'abatozakori n'abanyabicumuro. Ariko, Ubwitonzi bwerekanywe n'abana babwo bose.»