
Faratiri Richard Alale wo mu muryango w’abapatiri b’abamisiyonari ba Afrika arangurira ubutumwa muri Paruwase yitiriwe umweranda Augustino yo mu Buyenzi, ku w’Imana igenekerezo rya 2 Ntwarante 2025 ni ho yashikiriza indagano ziwe za mbere zamuhesheje akaryo ko kwinjira icese muri uwo muryango ishengero rikoranye. Uwo mugirwa ukaba wabereye mu nkuka y’imisa yaherejwe muri Paruwase yitiriwe Augustino mweranda yo mu Buyenzi, kw’isaha zine n’igice (10h30).

Iyo nkuka y'imisa yari irongowe na Patiri mukuru w’iyo Paruwase, Patiri Frédéric
Rimo, afatikanije na Patiri Jean de Dieu Meda, be na Patiri Gérard Batonerakure
yaje ava muri Paruwase Mpanuka iri muri Diyoseze ya Gitega, be na Patiri
Bernard Gachuru asanzwe ari icegera c’umukuru w’umuryango w’abapatiri b’abamisiyonari
ba Africa.
Ivyo birori kandi vyari vyitabiriwe n’abafaratiri icumi
na bane (14) baje bava mu bihugu bitandukanye ariko barangurira ubutumwa mu maparuwase
atandukanye barungitswemwo kugirirayo ivyigwa vy’ukwimenyereza (stages).

Inyuma y’inkuka y’imisa, ibirori vyo kumukeza kuri iyo ntambwe yateye vyabandanyirije mu nyubakwa y’abasaseredoti. Mw’ijambo ryashikirijwe n’icegera c’umukuru w’umuryango w’abapatiri b’abamisiyonari ba Afrika, yarahaye ikaze icese uwo mufaratiri mu muryango, yongera aramukeza.
Uwo mushitsi w’iteka yaboneyeho gutanga impanuro ku
bafaratiri muri rusangi, impanuro zijanye n’umwimenyerezo (stage) bagiyemwo mu maparuwase
atandukanye. Yavuze ko ari nk’ivyigwa vy’ukwimenyereza bagiyemwo, kandi ko bazokwandika
ivyegeranyo vy’ivyo bashoye gukurikirana muri uwo mwimenyerezo barimwo.

Uwo mufaratiri yari ahejeje gushikiriza indagano, Faratiri
Richard Alale, akaba mw’ijambo ryiwe yarakengurukiye umubano w’abasaseredoti w’abamisiyonari
ba Afrika ku kungene bamwakiriye neza, vy’umwihariko icegera c’umukuru w’uwo muryango
kw’iteka yamuteye ryo kuza kwakira indagano ziwe, be kandi n’abafaratiri baje
kumufata mu mugongo, hamwe n’abandi bose baje kumukeza kuri iyo ntambwe yateye.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»