
Bavukanyi, turi ku wa Gatatu w’iminyota, kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante 2025. Ng’ico ca gihe ceranda c’Ikarema
kirashitse, ca gihe cugururwa n’umusi wa
Gatatu w’iminyota, kigasozerwa n’umusi mukuru wa Pasika, ku musi w’Imana
usozera indwi nyeranda dukunze kwita «Umunsi w’Imana w’ibisandasanda canke
w’amashami».
Ikarema ni ikiringo kimara imisi mirongo ine,
kikadutegurira kwakira ingabirano y’urukiza Mana Data yaduteguriye mu mabanga
y’ukubabara mu rupfu n’izuka vy’Umwana wiwe Yezu Kristu.
Ico kiringo c’Ikarema kiri mu misi mikuru ntasubirizwa
Ekleziya Katolika yitwararika guhimbaza. Ni umwanya mwiza rero ufasha umuntu
kwitegurira neza Pasika yo mutima w’ukwemera ku mukristu yama acambirwa
guhimbaza intsinzi y’izuka rya Yezu-Kristu.
Ikarema ni igihe gikabura ukwemera kwacu, tukishingira
imigambi yodufasha gutera imbere mu bweranda bwacu, tugatako tukayitaba
tudahigimanga. Ni igihe c’intango nshasha, kikaba n’inzira iturongora gushika
aho tugenda tugana ya Pasika ya Kristu atsinda urupfu akajabukira mu buzima
bushasha.
Ico gihe cama kiduhamagarira gishimitse guhinduka
tukava mu kabi, tukagana ineza muri vyose. Uwa Kristu rero ahamagariwe kugaruka
ku Mana, kugira ngo ntagume anezerezwa gusa n’ubuzima ata gaciro bufise, ariko
ashishikare gutera imbere mu rukundo afitaniye n’Umukama.
Ikarema ni igihe nyaco kandi kiroranye c’ukunagura
ubuzima bw’umutima, ivyo tukabikesha ivyiza vyeranda bivyarwa na Ekleziya. Mu
ntango ya vyose hariho Ijambo ry’Imana dutumiriwe kwumviriza no kuzirikana
tubishizemwo umwete mwinshi ujanye n’ico gihe.
Eka koko ni umwanya mwiza, ca gihe kibereye, kiroranye
rwose co kugaruka ku Mana. Umukama atubwira ati: «Nimungarukeko n’umutima wanyu
wose mu kwisonzesha, mu marira no mu maganya [...], nimugaruke ku Mukama Imana
yanyu, kuko ikundana, ifise imbabazi, izira gushavura, ikanka akabi.» (Yoweli
2, 12-13).
Paulo Mweranda na we ati: «Nico gituma tubasavye
kw’izina rya Kristu: Emera babuzurize n’Imana! (2Cor.21). «Ng’iki rero ca gihe
kiroranye rwose, ng’uyu wa musi w’ubukiriro! (2Cor.6, 2).
Ni kandi igihe co kuzirikana Ijambo ryayo turi kumwe
n’abavukanyi bacu bose ngo dukundane, turemeshanye, dukeburane, duheze
tubandanye urugendo rutujana kwa Dawe wa twese (Mt.6,9).
Ntidutangwe rero kwitaba ikarema nyeranda n’imigirwa
yose iyiherekeza, na cane cane inyigisho z’amapfungo, tutibagiye guhurumbira
isakaramentu ry’ikigongwe n’iry’Ukaristiya, mbere n’ayandi, tutibagiye no
gusangira neza ivyo vyose Imana yaduhaye, tukabisabikanya na cane cane n’abari
mu bukene butandukanye. Ni na ho izoheza na Yo ikaduhezagiza ivyiza vyayo
bisumbirije, maze tuzoshikire ya Pasika dufise inema yeza.
Marie Rose Ngendakumana, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.