
Paruwase Matara, ku musi
w'Imana igenekero rya 2 Ntwarante 2025, yaratanze ubutumwa ku bamenyeshamana bwo
guhimbarisha umusi w'Imana ku bakristu mu gihe ata musaserdoti azoba yabonetse ku
mashure tabariro ayikukira.
Uwo mugirwa wabereye mu nkuka
y’imisa yaherejwe kw’isaha zine z’agatondo (10h00), irongowe na Patiri mukuru w’iyo
paruwase, Patiri Leon Nizigama.
Mu kubashikiriza ubwo butumwa yarabahereza igitabu c'Ijambo ry'Imana mu minwe,
akavuga ati: «Akira igitabu c'Ijambo ry'Imana ryo buzima bw’abakristu, shikiriza
iryo jambo, urishikirize imitima y’abantu!», na bo bakishura bati: «Ndarishimye,
kandi sinzorishingukako.» Bakaba baremereye Patiri mukuru ko bazobukora uko
bashoboye, kandi ko bazomugamburukira.
Uwo musaserdoti yasavye abo
bamenyeshamana kuba mu muco, kugira ngo bashobore kumurikira abandi. Abandi bakristu
na bo yabasavye gusabira ku buryo budasanzwe abo bagire baronke ubwo butumwa nk’abari
imbere y’abandi.
Na none ngo si vyiza gutunga
urutoke uwundi, ahubwo uramukebura. Vyongeye, imbere yo gutuma urutoke abandi,
umuntu ngo yobanza akiraba we nyene, kuko ngo si kenshi uwukunda gutuma urutoke
abandi we nyene ubwiwe ahinduka.
Tubamenyeshe ko abahawe ubwo butumwa bangana 16 bo ku mashure tabariro yose akukira paruwasi ya Matara.
Reverien Niyongabo, Paruwase
Matara
Aleluya, aleluya.
Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose;
ni ryo jambo ry’Inkuru nziza twabwiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 39-42)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe abagereraniriza ati: «Mbega, impumyi yoshobora kwereka iyindi inzira? Ntizogwa zompi mu manga? Nta mwigishwa aruta umwigisha; ariko umwigishwa nyawe wese, azomera nk’umwigisha wiwe.
Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu
ryawe? Kibure, bishoboka bite ko ubwira mwenewanyu uti: Mugenzi, hinge
ndagutosore akatsi kari mu jisho ryawe, wewe utabona urugiga ruri mu jisho
ryawe? Wa mwangushi we, banza ukure urugiga ruri mu ryawe, hanyuma ubone gukura
akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu.»