
Bavukanyi, muri kwa guhimbaza yubile y’imyaka 2025 Ekleziya imaze, isango ryo muri iyi misi, kuva kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 28 gushika kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 30 Ntwarante 2025, ni yubile y’abamisiyonari b’ikigongwe c'Imana (Missionnaires de la misericorde divine).
Ni akaryo ko gukabura muri twebwe umutima w’ubumisiyonari n’ukwiyegereza abagowe bakeneye gufashwa gusumba abandi. Kukaba nka ko, ubutumwa bw’Ekleziya bukomoka ku kigongwe n’impuhwe vy’Imana, duhamagarirwa guserura muri bene wacu mu nyifato no mu migenderanire nk’abakristu bamurikirwa na Mutima w’Imana.
Ijambo «ikigongwe» rifise amamuko
mu kureka imitima yacu igakorwako n’ububabare n’ubukene bw’abandi. Ikigongwe
c’Imana ciserura mu buryo bubiri: ubwa mbere irihweza ububabare bwa muntu, ubwa
kabiri igatabara. Imana, nk’umuvyeyi, irababazwa n’umubabaro n’ubukene
bw’abantu yare-mye.
Ariko ntigarukira ku
kubakundwakaza gusa, ahubwo iranakora; irasohoka ikava mu gacerere ikaja
gusanganira umuntu, kugira ngo imuhe umwidegemvyo w’urukiza rwayo. Ivyo
turabibonera mu gikorwa ca Yezu c’ukuducungura. Ikigongwe n’impuhwe vyiwe
vyaramutumye aza kugarura abantu bari baracumuye, gushikiriza inkuru nziza
aboro, kurokora abababaye no gukwiza mu baboshwe ubukiriro.
Yezu, mu kwerekana ko ko Umutima
wiwe ukorwako n’ububabare bwa muntu, yararijijwe n’urupfu rw’umukunzi wiwe
Lazaro. Yezu ntagarukira kandi ku kubabara gusa, aranakora: arakiza abarwaye,
aragaburira abashonje, arazura abapfuye, aragirira ikigongwe abacumuzi, kandi
akamenyesha umwaka mwiza w’imihezagiro no kubohoka kw’ababoshwe.
Ico kigongwe c’Imana rero ni co
giheza kigatanga intumbero y’ubutumwa bw’Ekleziya mu mice yayo yose, ibwirizwa
kwegera abababaye ngo ibashikirize Inkuru Nziza y’urukundo rw’Imana. Aho nyene
ni na ho hakomoka intimatima y’ubumisiyonari bw’Ekleziya bushingiye ku
kwiyugururira uwundi mu kwumva ko ukozweko n’umubabaro wiwe, waba uwo ku mutima
canke ku mubiri.
Ekleziya iraheza igakwira
imirambi, gushika ku mpera y’isi; irarengana imbibe, ikarengera intambamyi
z’uburyo bwose, zaba iz’ikirere canke iz’imico, kugira ngo ishikirize
ukubohoka, amahoro n’akanyamuneza ata handi bironkerwa atari mu Nkuru Nziza ya
Kristu dushikirizwa n’abatumwa n’abasubirizi babo.
Erega iyaba Ekleziya itari ifise
ikigongwe, n’ubundi ntiyoshoboye kurangura neza ubwo butumwa bw’ubumisiyonari.
Ekleziya rero ni inyakigongwe mu butumwa bwayo; biri mu karanga kayo. Nta
woshobora rero gutandukanya ubutumwa n’ikigongwe vy’Ekleziya. Ubutumwa bwayo ni
ubw’ukuba intumwa n’igikoresho c’ikigongwe c’Imana mu bantu.
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.