
Bavukanyi, kenshi na kenshi ukuvuga biroroha, ariko gushira
mu ngiro bikagorana. Umuntu arashobora kubwira mwene wabo yacumuyeko ko
amugiriye ikigongwe, mugabo akakimugirira atakimugiriye, ahubwo akaba
amuronkeyeho ukuntu ashobora kumwihora. Mwene abo bantu ntibaba barategereye
ikigongwe nyakuri tuvoma ku Mana.
Ikigongwe si ico kuvuga ku munwa gusa ngo biraheze,
ikigongwe kiraduhindura, kiratangaje, ntikirondera indishi y’akababaro, ni
ugushiramwo gusa umutima w’urukundo, kirondera umuvukano wuzuye. Ikigongwe kigaragarira
mu bikorwa vy’urukundo umuntu yereka uwo wese yita umwansi.
Mbere uwa Kristu yuzuye ntiyogize abansi, kuko Yezu atubwi
ati: “Kunda abansi banyu, kandi musabire ababahama, ngo mwerekane ko muri abana
ba So wanyu wo mw’Ijuru aha izuba ababi n’abeza, agaha imvura intungane
n’indyarya” (Mt.5,4-45).

Yezu atubwiye gukunda abansi bacu kandi dusabire abaduhama.
Iki gikorwa ku bw’abantu nta nkeka biragoye ariko ni kubw’inema y’Imana umwe
wese abishobora. Umwansi wawe uramuha utwo kurya, utwo kunywa, uramwambika,
uramusabira, uramuha amahoro, akishira akizana.
Ntugasabire uwagucumuyeko guhereza mu mvuto canke kumererwa nabi, ariko nimba ari mu mvuto musabire guhinduka aveyo; ashobora kubera abandi urumuri mu buzima. Kandi uburorero nk’ubwo bw’abahindutse bagaheba ingenso mbi zari zarababoshe buribo, twama twavyiboneye. Imana ininahazwe.
Rero twige gushitsa ijambo ryiza tuvuze ntiturishiremwo
imitego kuko gutegana imitego vyongereza ikibi mu kindi. Ikigongwe ni ikiza
kibohora, ahari ukwikekana hakaba umwizero, ahari habuze amahoro agasasagara.
Ng’uko ugutanga ikigongwe atari ivyo ku munwa gusa.
None bavukanyi, dusabire cane cane abaturonsa ikigongwe c’Imana mw’Isakramentu ry’Ikigongwe ngo babe benshi kandi beranda.
Marie Rose Ngendakumana, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.