
Mu gihe mu gihugu c’Uburundi himirije amatora, abepiskopi bahurikiye mu Nama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi baraye basohoye itangazo ryasomewe abakristu mu misa yo kw'idominika ya 6 yo mu gihe ca Pasika, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Rusama 2025, ubutumwa buri muri iryo tangazo bukaba ari ubw’ukugira ngo abarundi bubake igihugu c'amahoro, kuko ari yo aruta vyose.
Abo
Bepiskopi bashikirije iryo tangazo mu gihe amatora abarundi bimirije ahuriranye
n'umwaka wa Yubile y'imyaka 2025 y'Ekleziya yose, na Yubile y'imyaka 100 iheze Ekleziya
y’i Burundi igabanye abasaseredoti ba mbere b'imvukira. Ku bwabo rero ngo ni
umwaka w'imigisha n'imihezagiro, umwaka Ekleziya itumira abantu kuba «Abasangirarugendo
ku bw’ukwizigira».
Muri
iryo tangazo abo Bepiskopi bashikirije, bamenyesha ko n’aho muri Afrika, eka
mbere n'aha iwacu mu Burundi, amatora kenshi na kenshi akunda gutera ubwoba, bobo
nk’Abungere b’Ekleziya y’i Burundi, baje gutera akamo abarundi, gashimikiye ku
kwemera kwabo, ngo bakomeze rero ukwizigira bakura kuri Yezu Kristu, ntihagire
ikiduhungabanya.
Bimwe
mu vyoranga abarundi rero kugira ngo bazigame uwo mwizero muri ibi bihe
vy'amatora ni uko bokwitaba ico gikorwa c'iteka bafatanye mu nda, kandi bakagikora
barondera ineza y'igihugu.
Vy’umwihariko
abo Bungere b’Ekleziya basavye indongozi, kuva hejuru gushika ku mitumba,
guhagararira ubutungane, amahoro n'umutekano kuri bose hisunzwe amategeko. Abarongoye
imigambwe, kuva hejuru gushika ku mitumba, barabibutsa guhimiriza abanywanyi
bayo kugira ingendo yo kwubahana no kudatyozanya.
Abarundi
muri rusangi babasavye ko, mu budasa bwabo, bogira ishaka ry'ukwama barondera
kugorora ivyo vyose vyobera intambamyi ingendo y'amahoro n'iterambere, maze
bagatora bisunze imigambi izoteza imbere Abenegihugu, bagashira imbere ico cose
cotuma haba amatora yo ku mugaragaro, mu mwidegemvyo, mu mahoro n'umutekano,
ata gukumirana. Izo mpanuro bazigendeye ngo zizofasha kugira amatora
meza, akomeza intwaro rusangi, amahoro n'iterambere birama.
Abo
Bungere b’Ekleziya y’i Burundi basozereye iryo tangazo basaba ko muri iyi
ntambwe ihambaye y'igihugu c’Uburundi, abarundi bohurikira hamwe kandi mu guşaba
Umukama ngo shetani, sekibi, ntibibe mu barundi imbuto mbi y'ivyiyumviro
n'inyifato vyohava bibatesha iyo ntumbero y'amahoro.
Mu
gusoma ido n’ido ry’iri tangazo, fyonda ngaha: Ijambo ry'Inama y'Abepiskopi
Katolika b'i Burundi mu gihe himirije amatora
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Umukama yavuze ati:
«Nimwamize yompi ibicumuro vyanyu;
maze mwigirire umushaha n’umutima mushasha.»
Â
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 14-23)
Â
Muri irya misi,
Yezu yariko arirukana ishetani, nya shetani ikaba ikiragi. Isohotse, ca
kiragi gica kiravuga; ishengero na ryo rigwa mu gahundwe. Mugabo bamwe muri bo
bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.»
Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: « Twereke ikimenyetso
kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani ku bwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute? Ngasangwa
nanje nirukana amashetani ku bwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha iki? Ni
co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ugasangwa nirukana amashetani
ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
«lyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, araririye urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye akaja arabigaba.
«Uwo tudashize hamwe aranyanka, uwo twimburira kubiri arasesagura.»