
Haraheze imyaka itatu (2021-2024)
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ishikiriza buri mwaka icivugo kirongora umwaka
w’ubutumwa. Kiretse umwaka wa mbere (2020-2021) wiswe uwo kumenyesha, gukabura
no kwigisha. Iyo myaka itatu ikurikira ni igice ca mbere mu ndinganizo
y’ubutumwa y’imyaka itanu.
Iyo ndinganizo yose iri mu ntumbero
imwe yo gutumirira abakirisu bose kwubaka no gukomeza Ekleziya-Muryango iciye
ku nyigisho zatanzwe mu bisata vyose vy’ubuzima bwa Diyoseze. Na none, imbere
yo gushikiriza ivyiza (nk’amasakaramentu) Imana yateguriye abantu, ukwigisha
biri mu butumwa bwa mbere Ekleziya yaronse «Gende rero mugire abigishwa abantu
bo mu makungu yose, mubabatize kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima
Mweranda» (Matayo 28,19).
Muri iyo myaka itatu ntawasizwe
inyuma, mbere nta gisata kititabiriye iyo ntumbero ya Diyoseze. Inyigisho
zatanzwe n’igisata CDAL mu bisabisho bitegura imisi mikuru ya Kristu-Umwami na
Pentekoti twashimye kuzegeranya kugira umukiristu wese yoba azipfuza azisange
mu gitabo kimwe.
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.