
Abaririmbiramana
bo mu mugwi witiriwe Yohani Mariya Vianney, umusaserdoti mweranda w’i Ars «Saint
curé d’Ars» wo muri Paruwase Yohani Baptista Mweranda yo mu Gihosha, ku w'Imana
igenekerezo rya 24 myandagaro 2025 baragendeye bene wabo bo mugwi Umwamikazi
w'ijuru n'isi («Reine de l'univers») bo muri Paruwase yitiriwe umweranda
Fransisko w'i Asize yo mu Magarama iri muri Diyoseze Kkuru ya Gitega, bakaba bagiye
baherekejwe na Patiri Georges Niyonkuru.

Urwo rugendo
rwatanguye ku gihe c’isaha imwe y’igitondo. Bagishika mu Magarama bakiranywe
akanyamuneza n’indirimbo, bongera barasangira n’inkuka y’imisa, aho iyo migwi
ibiri yaciye ifatikanya ubutumwa bw’uwo musi bwo kuririmba muri iyo nkuka
y'imisa yatanguye ku gihe c'isaha zitanu zo ku musase (11h00).
Patiri Georges
Niyonkuru, mw’ijambo yavuze, akaba yarasavye ko bokomeza ubutumwa. Ni mu gihe
ngo hari abantu usanga ubutumwa baba bahora bafise mu migwi canke mu mihari
itandukanye bishika bakabuhebera mu mpisho, womenga babugumyemwo.
Inyuma
y’inkuka y’imisa, abo baririmbiramana baciye basangirira hamwe inzimano
n’ikiyago, ari na ho hasiguriwe icatumye abo mu Gihosha bagendera abo mu
Magarama: ngo ubucuti bw’iyo migwi bushingiye ku wabo bahora basangiye
ubutumwa, ubu asigaye arangurira ubutumwa aho mu Magarama, nk’uko
vyamenyeshejwe n’uwurongoye uwo mugwi, Richard Sibonkomezi.

Mu gusigura iyo
mvo nyamukuru y’urwo rugendo yavuze ko ubumwe n’urukundo vyabashikanye mu Magarama
vyahereye ku kumenyana biciye ku wahoze aririmbira muri uwo mugwi, ubu asigaye
arangurira ubutumwa mu wo bari bagendeye, nk’uko ngo n’icivugo ca Diyoseze Nkuru
yabo ya Bujumbura kibivuga ngo «Dukomeze Ekleziya Muryango mu kugira ubumwe n’urukundo
no mu gusangira neza ivyo Imana iduha». Ati: «Natwe rero twipfuje kubisangirira
hamwe namwe ivyo Imana yaduhaye, kandi turipfuza ko ubu bumwe bwosagarara.»
Akaba yaranamenyesheje kandi ko uwo musi bari bawurindiranye igishika.
Uwurongoye umugwi
«Reine de l’Univers» wagendewe, Edouard Havyarimana, yarashikirije akanyamuneza
ko bahimbawe cane no kubakira. Ngo birahimbaye cane kubona mu gihe bariko bigina
umuvunyi w’umugwi wabo bihurirana no kugenderwa n’abo bashitsi. Yamenyesheje
kandi ko Bikira Mariya bigana nk’umuvunyi wabo yari umukunzi cane wa Yohani
Maria Vianney, umuvunyi w’umugwi wabagendeye. Ati: «Mbere aha twofata ko ari
umwana yagendeye nyina.» Ni mu gihe abavunyi b’iyo migwi ibiri bose bahimbazwa muri
kuno kwezi kwa Myandagaro.

Patiri mukuru wa paruwase yo mu Magarama na we, Patiri Herménégilde Birushe, afashe ijambo, yamenyesheje ko yahimbawe cane no kubona iyo migwi y’abaririmbiramana yunga ubucuti bwabashikanye ku kugenderanira.
Ikiyago casozerewe ku muhezagiro w'Imana watanzwe n'uwo Patiri mukuru wa paruwase Magarama nyene, gutyo urwo rugendo barurangiza muri ako kanyamuneza. Kw’isaha icumi n’imwe n’igice z’umugoroba (17h30), hakaba ari ho abashitsi baheza bagasubira iwabo i Bujumbura.
Sylvestre Ndayimirije, Paruwase Gihosha
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.