
Inyuma
y’uko inama ntunganyabutumwa ya Paruwase Mukiza Mweranda yo mu Nyakabiga yahahora
yaraye irangirije ikiringo cayo, nk’uko amategeko abitegekanya, umugwi mushasha
w’abagiye kuja muri iyo nama ntunganyabutumwa ukaba uherutse gushirwaho, ku mugoroba
wo ku wa Gatatu itariki ya 3 Nyakanga 2025 bakaba ari ho uwo mugwi wakoranye mu
nyubakwa y’imisi mikuru ya paruwase ngo bakore ibikorwa vyabo vya mbere.
Ibikorwa
vyo kuri uwo musi rero, nk’uko vyamenyeshejwe na Patiri Mukuru wa Paruwase,
Patiri Eddy Kwizera, vyari bijanye no gushiraho abagize ibiro vy’inama
Ntunganyabutumwa ya paruwase, hisunzwe amategeko.
Mu
vyakozwe habayeho ukumenyesha imigwi mikuru mikuru (commissions) igize inama
Ntunganyabutumwa, abayobozi bayo ndetse n’abayigize, hamwe rero no kumenyana
hagati y’abagize iyo migwi mikuru mikuru.

Hagati
aho, patiri mukuru yabanje guha ikaze abitavye ibikorwa vy’uwo musi, yongera aranabakeza
ku bwizigirwa bagiriwe. Yagiriyeko amenyesha abari aho ico abagize iyo nama
bari: yavuze ko hari bamwe batowe ngo baserukire abandi mu mibano rukristu ku
rwego rw’amakaritiye agize paruwase yose, abandi na bo ngo bakaba abaje muri
iyo nama kubera ubutumwa budasanzwe bajejwe muri paruwase.
Muri
abo baje muri iyo nama kubera ubutumwa budasanzwe bajejwe muri paruwase, aho
twovuga nk’umukuru w’urwego mpuzamihari n’imigwi y’ubutumwa muri Paruwase,
abihebeye Imana, abayoboye umugwi w’abanaguwe muri Mutima Mweranda, hamwe rero
n’abo patiri mukuru we nyene ubwiwe agena kubera yababonyemwo ingabirano
zidasanzwe z’ubutwari, ubuhinga, ubukerebutsi, ubumenyi n’umwete mu bikorwa vya paruwase. Abari ngaho rero
baciye bafata akanya baridondorana kugira bamenyane.
Imbere
y’uko ibikorwa vyo gushiraho abagize urwego nyobozi rw’inama Ntunganyabutumwa
ya Paruwase bitangura, patiri mukuru yarongeye aramenyesha abari aho uko iyo
nama itunganijwe, ko igizwe n’imigwi itatu.
Umugwi
wa mbere ni abagize urwego nyobozi, abakuru b’imigwi mikuru mikuru igize iyo
nama n’abo bazokorana, hamwe n’abagize iyo migwi rero bazokorana ibikorwa vyabo
bwite. Umugwi (commission) ugizwe n’abawurongoye, abawurimwo basanzwe bari mu
nama Ntunganyabutumwa hamwe n’abandi basanzwe batarimwo mu nama
Ntunganyabutumwa.
Urwego
nyobozi rw’inama ntunganyabutumwa ya paruwase rukaba na rwo ubwarwo rugizwe
n’abantu batanu, ari bo: patiri mukuru, patiri umunyabigega wa paruwase ari na
we azoba anajejwe n’imihari n’imigwi, umunyamabanga, icegera c’umunyamabanga
hamwe n’umuhanuzi.
Ibikorwa
vy’uwo musi rero bikaba vyari bigamije gutora umunyamabanga n’icegera ciwe.
Umuhanuzi na we akaba ari uwuserukira imibano rukristu yose ya paruwase akaba
yari yaratowe.
Ibikorwa
nyezina vyo gutora umunyamabanga n’icegera ciwe vyaciye bitangura. Nk’uko
amategeko ya Ekleziya abitegekanya, abatorwa bategerezwa kuba ari abakristu balayike
kandi ata rwego na rumwe basanzwe baserukira muri iyo nama. Amatora amaze kuba,
hatowe abashingantahe babiri: Umushingantahe Jean Claude Murengerantwari
nk’umunyamabanga, hamwe n’umushingantahe Donatien Nsabiyumva nk’icegera
c’umunyamabanga.

Abatowe
barakengurukiye ababizeye bakabatora, bongera biyemeza kugamburuka ishaka
ry’Umukama yabatoye aciye kuri bagenzi babo. Kandi ngo barizeyeko bose hamwe
Mutima w’Imana azobayobora bikagenda neza. Bongera basaba bagenzi babo gukora
bitanga ata mpembo barindiriye, ahubwo ko impera yabo bazoyironka mw’ijuru. Ngo
ni ugukora n’umwete mwinshi kugira ubutumwa bukomere muri Ekleziya isasagaye mu
Nyakabiga.
Inyuma
y’aho, patiri mukuru yaciye amenyesha imigwi mikuru mikuru igize inama
ntunganyabutumwa ya paruwase yose hamwe uko ari umunani, amenyesha amazina
y’abayigize mbere agirako agena n’abajejwe kurongora abandi muri iyo migwi
nyene. Ico gikorwa kirangiye, abagize imigwi itandukanye baciye baja hamwe
kugira bamenyane bongere bavugane bimwe bimwe mu bigize ubutumwa bwabo.
Tubamenyeshe ko abagize umugwi nyobozi w’inama ntunganyabutumwa ya paruwase Mukiza
Mweranda mu Nyakabiga ari batanu, na bo bakaba ari aba bakurikira: patiri mukuru wa Paruwae, Patiri Eddy Kwizera akaba
ari we arongoye iyo nama, Patiri Liévin Ndayishimiye ajejwe imihari n’imigwi
akaba n’Umunyabigega wa paruwase n'icegera c’uwurongoye inama ntunganyabutumwa
ya paruwase; Umushingantahe Jean Claude Murengerantwari, Umunyamabanga; Umushingantahe
Donatien Nsabiyumva, icegera
c’umunyamabanga; Umukenyezi Lyse Bénigne Akimana, Umuhanuzi akaba ari na we
ayoboye imibano rukristu yose muri Paruwase Mukiza Mweranda ya Nyakabiga.
Arthémon
Nimbona, Paruwase Nyakabiga
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»