Indagano mu babikira b’aba Annonciades: basabwa ko uwo musi woba uw’ubukengurutsi ko Imana yabakunze kuva bataranasamwa
Itariki: 10/09/2025Ababisomye 1055 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, afatiye kw’ijambo ngenderwako ry’uwo musi mukuru ryavuga riti: «Utaranavuka narakwitoreye, ndakugena ngo ube umuhanuzi w’amakungu», yaribukije abo babikira ko Imana iri kumwe na bo mu butumwa bwose bazoshingwa, aca abasaba kugenda baciye bugufi kandi bagororotse ku bw’ububasha bw’Imana

Umuryango w’ababikira b’aba Annonciades b’i Heverlee wari mu kanyamuneza, ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 6 Nyakanga 2025, muri Paruwase Jenda, ko kwakira ababikira 9 bashasha bagize indagano za mbere, be n’umubikira umwe yagize indagano za burundu, n’ababikira 3 bagize yubile y’imyaka 25 bamaze muri iryo banga ry’ukwihebera Imana.

Inkuka y’imisa yabereyemwo ivyo birori yari irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi mukuru w’i Bujumbura, ari kumwe na Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, Umwepiskopi mukuru w’inararibonye wa Diyoseze, na Nyenicubahiro Musenyeri Jean Ntagwarara, Umwepiskopi w’inararibonye wa Diyoseze ya Bubanza, n’abasaserdoti. Muri uwo musi mukuru harimwo kandi n’abihebeyimana bo mu miryango itandukanye n’abakristu balayike baje kubashigikira.


Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, afatiye kw’ijambo ngenderwako ry’uwo musi mukuru ryavuga riti: «Utaranavuka narakwitoreye, ndakugena  ngo ube umuhanuzi w’amakungu», yabwiye abo babikira ko uwo musi woba uw’ubukengurutsi, kuko Imana yabakunze kuva batarasamwa.

Uwo Mwepiskopi mukuru yaribukije kandi ko ivyo uwatowe arangura atabirangura ku bw’ubuhinga canke ku bw’ububasha bwiwe, ahubwo ko ubukomezi bwiwe abukura ku Mukama. Aca asaba abo bagira bashikirize indagano zabo kuja barihereza ijambo ry’Imana kenshi, bakarizirikana, bakongera bakarishikiriza abo banshinzwe n’aho bagendera hose. Yabasavye kandi kwitwararika ko bobasomamwo Ijambo ry’Imana.

Uwo Mwepiskopi mukuru yaranababwiye kandi ko bokwitwararika kenshi kurandura no gusitura akabi muri bo; gusenyura impome zose z’urwanko n’ukwigungirako bifatiye kuri kamero yabo nk’abantu. Ivyo ngo bobikora mu kwirukira kenshi rya sakramentu ry’ikigongwe kandi bivuye ku mutima.

Kukaba nka ko, iryo sakramentu ngo ni wo muti bakeneye ngo bashobore kurangura neza ubutumwa bwabo bw’ukurandura no gusitura inabi iri mu bandi no kwubaka ibitarurwa vy’uguhana ikigongwe n’ugusubiza hamwe, babone guteragira mu bandi na bo imbuto nziza z’urukundo n’amahoro.

Yarabibukije kandi ko Imana iri kumwe na bo mu butumwa bwose bazoshingwa, aca abasaba kugenda baciye bugufi kandi bagororotse ku bw’ububasha bw’Imana.


Uwuyoboye uwo muryango kw’isi yose, Mama mukuru Carine Devogelaere, yarakeje abo babikira bose, cane cane abagize yubile, ingene bazigamye ibanga gushika kuri iyo myaka yose. Uwagize indagano za burundu abagize indagano za mbere aca abaha ikaze mu muryango w’ababikira b’abanonsiyade. Yarashimye ku ntambwe uwo muryango ugezeko mu ntara y’uburundi n’urwanda.

Uwuyoboye uwo muryango mu ntara yubutumwa y’Uburundi n’Urwanda, Mama Devote Nikwigize, na we nyene ari mu bari baramutse bafise umusi mukuru kuko yagize yubile y’imyaka 25 amaze yihebeye Imana, yaratubwiye ishingiro ry’akanyamuneza yumva.

Yavuze ko amasakramentu ahabwa ari yo yamufashije gukomera ku mutima no ku mubiri, cane cane iry’Ukaristiya n’iry’ikigongwe. Ikindi camufashije ngo ni igisabisho ca misi yose.

Yasavye abagize indagano ko bokomeza urugendo umutima uri mu nda, bakamiza umuzirikanyi wabo ku Mukama, kandi bakisunga ubukandizi bwa Bikira Mariya no kwama bagamburuka mu kwakira ico Imana ibashakako ku musi ku musi. 

Twarayaze n’uwagize indagano za burundu, Mama Francine Nshimirimana, yaratubwiye vy’ukuzigama ibanga, ko icabimushoboje ari igisabisho, ko ari co yakuyemwo inkomezi zo kubandanya atera imbere mw’ibanga. Ijambo «Ntutinye» ngo ryaramufashije cane kuguma mw’ibanga. Ngo ryaramuremesha igihe cose yaba agize ubwoba. Kuba kuri uwo musi yarakiriye impeta, ngo arumva ko yunze ubumwe na Yezu Kristu, ko bimutera umwizero ko azofashwa n’Imana.

Twarayaze kandi n’umwe mu bagize indagano za mbere, Mama Florence Uwimana. Mu kugaraza akanyamuneza yatubwiye ko ahimbawe no gutura Imana ubuzima bwiwe mu kuyihebera. Yavuze ko yemereye Imana kutazoyihemukira, yongera kandi ayemera kuja aho izomujana hose, atiriwe araraba inyuma ngo agire ibimufatira. Akaba yaraterereje igisabisho ngo azoshobore kuzigama neza iryo banga.


Mwomenya ko umuryango w’aba annonciades ari umuryango wisunga Bikira Mariya aho yaja kwa mwene wabo Elizabeti kumumenyesha Inkuru Nziza ko yibungenze umwana w’Imana (Annonciation), ari na ho havuye izina ryabo (abatoranye ubutumwa bwo kumenyekanisha Umukama).

Watangujwe mu mwaka w’1787, mu Bubiligi, na Patiri Pierre Jacques de Clerck, kumwe na Jeanne mweranda wo mu Bufaransa, kw’isi yose ukaba urangura ubutumwa mu bisata vy’indero (ugukomeza ukwemera biciye mu mashure mato mato n’ayisumbuye), ukwigisha abitegurira amasakramentu, ukuvura abarwaye, ukuremesha abatagira kiraba, be n’ugufasha abibaruka.

Mu Burundi uwo muryango uhafise imibano itanu: mu gisagara c’i Bujumbura, ahari umubano mw’i Ruhero muri Paruwase Katédrale Regina Mundi; muri Paruwase Jenda ahari imibano itatu (uwitiriwe umusozi Carmel, uw’irerero ry’abanovise witiriwe umweranda Jeanne, be n’umubano Magnificat); be no muri paruwase Buziracanda ahariko haratunganywa umubano mushasha.

Odrade Kaze, CEDICOM

Ivyiyumviro

Aleluya.

Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,

aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.

Aleluya.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)

Muri irya misi,

Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe, abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa wampaye kuko wankunze isi itararemwa.

Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 247
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI