
Umuryango
wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ku wa Gatandatu igenekerezo rya 20 Nyakanga
2025 wiriwe mu kanyamuneza ko kwigina yubile y’imyaka 25 Nyenicubahiro
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wayo, amaze yatiriwe iryo
banga. Kuri uwo musi kandi, uwo Mwepiskopi Mukuru yaratanze n’ubwahuro bwo
kwugurura umwaka mushasha w’ubutumwa w’2025-2026, ku civugo nyene cahahora ku
mwaka uheze: «Dukomeze Ekleziya muryango mu kugira ubumwe n’urukundo no mu
gusangira neza ivyo Imana iduha!»
Urubanza rwatangujwe n’inkuka y’imisa yaherejwe muri paruwase mvyeyi ya Diyoseze, Paruwase Katedrale Regina Mundi, mu kibanza co hanze, ahahereranye n’isengero ntoyi.

Abepiskopi batari bake bari bahishikiye gushigikira mugenzi wabo. Uri abagize
inama y’abepiskopi Katolika b’i Burundi, umuserukizi wa Papa mu Burundi,
Nyenicubahiro Musenyeri Dieudonné Datonou, be n’uwaserukiye inama y’Abepiskopi
Katolika bo mu Rwanda, Musenyeri Papias Musengamana, Umwepiskopi wa Diyoseze
Byumba.
Ivyo
birori vyari vyatewe iteka kandi n'abubahwa batari bake, guhera ku mukuru
w'igihugu n'umutambukanyi wiwe, n'abandi bafise amabanga ahambaye mu gihugu,
n'isinzi ry'abakrustu baje bazananye mu madiyoseze yagiye arayobora.

Nyenicubahiro
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaravuze ko ibituma akengurukira Imana kuri iyo
myaka amaze mw'ibanga rw'ubwepiskopi ari uko azirikana ko Imana itamuremeye
ubusa. Ngo arategera ko iyo Mana imufiseko umugambi mwiza wo kuyikorera
nk'umutumwa wayo. Akaba yarasavye umuryango w'Imana w'abari aho kwama
bamusabira.
Imyaka
25 mw'ibanga si mike, vyari bikwiye ko bamukeza. Kandi abatari bake baramukeje
nyene. Aha twovuga nka Nyenubweranda Papa Léon-XI, abicishije ku muserukizi
wise mu Burundi. Yavuze ko....
Abandi
bamukenje ni abepiskopi b'i Burundi basangiye ibanga, bakaba bamukeje baciye ku
Mwepiskopi wa Diyoseze ya Ngozi, Musenyeri Georges Bizimana. Ngo
baramukengurukira ku butumwa yaranguye muri iyo myaka yose, na cane cane igihe
yari arongoye inama y'abepiskopi Katolika b'i Burundi.
Abakristu
ba Diyoseze Nkuru ya Bujumbura arongoye ubu bobo baserukiwe n'icegera c'uwo
Memwepiskopi Mukuru, Musenyeri Anatole Ruberinyange. Akaba yavuze ko igisabisho
afise ku mutima ari uko Imana yoshikana uwo Mwepiskopi Mukuru ku yindi ntambwe
ikurira iyo ariko ubu.

Nyenicubahiro
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yavutse ku wa 9 Nyakanga 1952, i Gisuru muri
Diyoseze ya Ruyigi. Yatiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti mu mwaka w'1981. Imbere
y'ukwatirwa mu bwepiskopi, muri Nyakanga 2000, yari amaze hafi igice c'umwaka
ari Umwepiskopi samuragwa muri Diyoseze ya Ngozi, yahavuye ayobora
nk'umwepiskopi kuva mu mwaka w'2003, aho yamaze imyaka 18. Diyoseze Nkuru ya
Bujumbura na yo akaba ayirimwo nk'Umwepiskopi Mukuru wayo kuva mu mwaka w'2018.Â
Ku
civugo c'ubwungere c’uwo Mwepiskopi kigira kiti: «Urukundo rwa Kristu ruraduhutagiza»,
urwo rukundo nyene nta nkeka ko ari rwo rutuma arangurana ishaka ubutumwa bwiwe
bwo kwigisha, kuyobora no gutagatifuza igihugu c’Imana aragijwe, ivyo
bikiserurira ku kuntu atunganyana ubwenge n’ubwitonzi indinganizo n’ibisata vyose
vy’ubutumwa bwa Diyoseze no kubizeza incabwenge zibushitse.
Nk’abandi
bungere bose, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa kandi, mu bumwe n’Ekleziya,
aratanga uruhara rwiwe mu buryo bwishimiwe mu manama y’abepiskopi, haba ku
rwego rw’igihugu canke mu karere Uburundi buherereyemwo, eka no mu bumwe bw’Ekleziya
kw’isi, gushika ku cicaro cayo i Vatikano, mu bumwe n’Umwungere w’Ekleziya kw’isi.
Turetse kuba umunyamuryango w’inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi, CECAB,
yarigeze no kuyiyobora, kuva mu mwaka w’2010 gushika mu w’2016.
Urukundo
rwa Kristu ruramuhutagiza kandi no mu guserura urukundo rwa Kristu mu bantu.
Biraboneka ko ari Umwungere afitiye imbonakazoza ishemeye ishengero ry’Imana
ayoboye, kandi ibintu vyose abikorana ukwigengesera. Benshi barakunze kumwumvana
kandi amajambo atwenza, ariko ntikuba ari ukwijajurira gusanzwe, yamara haba
harimwo n’inyigisho z’ubwenge n’ukugaragaza ubugwaneza bwiwe, ari na ho benshi mu
bakristu bamubona nk’Umwungere w’icitegererezo.
Odrade Kaze, CEDICOM
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»