
01
Gitugutu 2025, duhimbaza umweranda Tereza w’umwana Yezu, nk’uko Ekleziya
yabitegekanije imisi yose kw’igenekerezo rya 01 Gitugutu.
Tereza
w’Umwana Yezu yavukiye mu muryango yaronkeyemwo indero rukristu, kuko abavyeyi
biwe bari bashinze imizi mu bukristu. Yagize igisharara co kwihebera Imana kuva
akiri muto. N’abandi batatu bavukana bari bihebeye Imana. Ivyo vyamutumye aja
gusaba uruhusha rwo kwihebera Imana ataranakwiza imyaka itegekanijwe. Yari
afise imyaka 14 gusa. Yinjiye mu muryango w’i Karmeli.
Yaranzwe
n’umutima w’urukundo n’ubwitonzi nta ngere. Mu mageregezwa yaronse, cane cane
mu magara make y’umubiri no mu ntambara y’umutima, yagumanye ukwemera
n’ukwizigira mu buryo bw’akarorero.
Ivyamugoye
vyose yarabihereje Yezu. Yarasavye Umukama ngo ahezagire abasaserdoti, agarure
abacumuzi, amenyeshwe mu bapagani. Muri vyose yashimye kwegera Imana kumwe
umwana mutoyi yegera nyina, nk’uko Yezu yatubwiye ngo: «Uwutakira Ubwami
bw’Imana nk’abana bato, ntazobwinjiramwo» (Mt.10,15).
Yarabaye
rurangiranwa mu nyigisho yatanze zijanye n’uko umuntu wese yokwiyakira uko ari,
akemera intege nke agenderamwo, akirekurira mu minwe ya Yezu kuko azi ko ico kigongwe
kimwakiriza yompi; nka kurya umwana mutoya yirekurira mu minwe y’umuvyeyi ataco
yinona.
Yari
muto, ariko Ekleziya yaramushize ku rutonde rw’aberanda, rw’abigisha bakuru
muri Ekleziya, imugira umuvunyi w’ubutumwa bwo gukwiragiza hose Inkuru Nziza.
Kukaba nka ko, yari arajwe ishinga n’uko Yezu Kristu amenyekana mu mpande zose
z’isi.
Mu
gihe co kwitaba Imana, yaravuze ngo: «Mw’ijuru umwanya wose nzowumara ndiko
nkora ineza kw’isi». Bavukanyi, icifuzo ciwe ntikiraheza kuranguka, kuko kw’isi
haracariho abantu benshi bataramenya Yezu Kristu. Ni co gituma twemera ko ico
gishika yari afise akiri kw’isi cabandanije iyo ari mw’ijuru. Arabandanya
kutuba hafi no kuturonkera ivyiza vyinshi iyo tumucishijeko ibisabisho vyacu.
Tuje
mu makanda yiwe ngo tube abaremesha b’Inkuru Nziza ya Kristu kugira ngo
amenyekane; tumusabe adushoboze kwifata ruto, gutera intambwe mu kwemera no mu
kugendera urukundo nk’uko na we yabigira. Tereziya mweranda w’umwana Yezu,
dusabire!
Marie
Rose Ngendakumana, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.