
Bavukanyi,
twaraye twinjiye mu kwezi kwa Gitugutu kwahariwe Irozari. None tugiye kuhakura
iki gishasha ko na kare twahora tuguhimbaza? Duhamagariwe kuvuga Ishapule,
kwambaza Umuvyeyi Bikira Mariya ngo adusabire uguhinduka gushitse.
Ishapule
iradufasha gusenga, guha umwanya ukwiye Imana. Ishapule ituma twiyumva nk’abana
bo mu nzu bayagira Umuvyeyi abakunda. Ukuvuga Ishapule bidutuma tuguma
tuzirikana amabanga y’ukwigira umuntu kwa Kristu be n’ay’ugucungurwa kwacu.
Umumalayika
Gabrieli atumwe n’Imana yararamukije Bikira Mariya ati: «Mwaramutse, wewe
wuzuye inema, Umukama muri kumwe» (Luk.1,28). Iyi ndamutso ku wemera irahambaye,
kuko itwereka vyinshi: iratwereka ko mu vyaremwe vyose ata kindi kiremwa catewe
iryo teka ryo kuramutswa nk’ukwo.
Bikira
Mariya yarahejeje arakira ishaka ry’Imana, aho yavuga ati: «Ni bibe nk’uko
ubishaka.» Bikira Mariya rero ntashaka kwisangiza iyo ndamutso y’Ijuru; urwo
yakunzwe ashaka kurutwereka, twebwe twamwiherewe nk’Umuvyeyi. Ashaka kudusanga
iwacu, aho tuba, aho tugendera, aho dukorera imirimo yacu, aho duhurira mu
gusenga, ku rugendo..., tukahagabanira inema n’imihezagiro vyiwe.
Muze
rero tuvuge Ishapule mu nzu iwacu, mu mibano yacu. Abantu bamwe bamwe muri iki
gihe ntibashaka ko umwanya wobapfako ubusa, igikorwa uko kiri kose gifata
umwanya.
Egome
umwanya uragoye, kandi ni uwo kwubahiriza; ariko abafata akanya ko guteramana
n’Umuvyeyi mu gisabisho c’Irozari ntibaba batakaje umwanya. Akanya duhaye
Umuvyeyi ntikaba gapfuye ubusa, tuharonkera inema nyinshi kandi zihebuje
zibandanya zidukomeza mu nzira y’ubweranda twatanguye itujana mw’Ijuru.
Dusenge
turi kumwe n’Umuvyeyi Bikira Mariya Umugabekazi w’irozari adusabire ku mwana
wiwe Yezu Kristu.
Marie
Rose Ngendakumana, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Umukiza wacu Yezu Kristu yaratsinze urupfu;
yarabonesheje ubuzima n’umuco,
mu kudushikiriza Inkuru nziza.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 15-26)
Muri irya misi, Yezu yari yirukanye ishetani ngo ive mu muntu w’ikiragi. Mugabo bamwe mu bari aho bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.» Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: «Twereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani kubwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute?
Ngasangwa nanje nirukana amashetani kubwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha
iki? Ni co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ngasangwa nirukana
amashetani ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
Iyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, akararira urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye agaca abitanga.
Uwo tudashize hamwe aranyaka, uwo twimburira kubiri arasesagura.
Iyo shetani y’ibiterasoni ivuye mu muntu, irayerera mu bunoge, irondera aho yoruhukira, ariko ntihabone. Iraheza rero ikavuga iti: Nza kwisubirira mu nzu yanje navuyemwo. Igarutse, isanga ata nkomakomyi, isukuye kandi isikuye. Ikagenda noneho kuzana ibindi bishetani indwi biyisumwa ububi; vyinjiye bikayigumanamwo, maze bikunyuka, ububi wa muntu bukaruta ubwa mbere.»