
Ku musi wa kane igenekerezo rya 2 ukwezi kwa Gitugutu 2025, abakristu bo muri Paruwase yitiriwe Petero mweranda yo ku Muberure bazindukanye akanyamuneza k’aho bigina isabukuru y'imyaka ine iheze iyo paruwase ivutse. Abo bakristu bakaba bishimira ibikorwa vyo kwiteza imbere baranguye, vyaba ivy’iterambere ry’umutima n’iryo mu buzima busanzwe.
Ibirori nyezina vyatanguye
ku gihe c’isaha zitandatu, bitangurira ku rugendo rw'abari mu mihari n'imigwi y’ubutumwa,
imbere y’uko haba inkuka y’imisa yaherejwe na patiri mukuru, Patiri Pierre
Nsengiyumva.

Uwo musaserdoti yabanje
kwifuriza abanyeparuwase isabukuru nziza, n’insiguro yo guhimbaza isabukuru, ko
ari akaryo keza ko kwirimbura, aho vyagenze nabi hagakosorwa, aho vyagenze neza
na ho hagakomezwa. Araheza ashikiriza ijambo nyamukuru ry’uwo musi mu mice
ibiri: ivyashoboye kurangurwa mw’iterambere mu nzira y’ubweranda be n’ivyaranguwe
mu bikorwa vyo kwiteza imbere mu buzima busanzwe.
Ku muce ugira uwa mbere w’ibikorwa
bijanye no gutera imbere mu nzira y’ubweranda, patiri mukuru yavuze ko ahanini
ari ubutumwa umusaserdoti aba asanzwe arangura, na bwo bukaba ari ubwo
kwigisha, gutagatifuza no kuyobora imitima. Aha yaribukije ko hariho inyigisho
zitari nke zatanzwe mu buryo butandukanye, zaba izitangirwa mu mibano mito
mito, mu mihari no mu migwi y’ubutumwa, zaba kandi n’izitangwa ku bakristu muri
rusangi.
Ku muce ugira uwa kabiri w’ingene
abanyeparuwase bashoboye kurangura ibikorwa vyo kwiteza imbere mu buzima
busanzwe, patiri mukuru yaravuze igikorwa co kugura amatongo ku mashure
tabariro yose, be n’itongo rinini ryo kuri paruwase rishikana ihegitare
zitandatu, ryaguzwe ku ngurane y’ibanki, ubu abakristu baka bari mu gikorwa co
kuriha iyo ngurane. Yaravuze kandi n’igikorwa kiriko kirarangurwa co kwubaka
ingoro y'Imana kw'ishure tabariro ry'i Butega, be n’urwubako rw’utuzu twa surwumwe
twa kijambere.

Mu gusozera, Patiri Pierre
Nsengiyumva yarashimiye cane abo bose bagize ico bakora ngo paruwase ibandanye
ishinga imizi. Mu bo yashimiye harimwo abarongoye Diyoseze bo bashinze paruwase,
be n’abasaserdoti bafashanya mu butumwa, be n’abakristu kuko ngo ari bo bakora ibikorwa
vyose vy’iterambere rya paruwase, atibagiye n’abakunzi ba paruwase, abari hafi
n'abari kure.
Twaregereye umwe mu bakristu
ba paruwase bari baje muri uwo musi mukuru, umukristu Bernard Havyarimana, maze
aratubwira ivyo yashimye muri iyo myaka ine irangiye baronse paruwase. Yavuze
ko ashima ingene abasaserdoti babasanga ku mashure tabariro kubaronsa inkuka
z'imisa ku bwinshi, n’ingene babagendera mu mibano rimwe mu mezi atatu.
Ku bijanye n’iterambere mu
buzima busanzwe na ho, ngo arashima ukuntu abasaserdoti babafashije gutarura
ikiraro hamwe no kwubaka amasengero yo kw’ishure tabariro ry'i Burenza n'iry’i
Butega, ivyo vyose ngo bakaba babikesha abasaserdoti ku mwete wo gukora bereka
abakristu.

Tubibutse ko paruwase
Muberure yavutse mu mwaka w’2021, hari kw'igenekerezo rya 2 Gitugutu, ivyawe na
Paruwase kamenge. Hejuru y’ivyo yaranguye muri iyi myaka ine iheze, irafise
kandi n’imigambi itegekanijwe, haba ku bijanye no gutera imbere mu bweranda canke
mu buzima busanzwe, nk’uko bimenyeshwa na patiri mukuru, Patiri Pierre
Nsengiyumva.
Mu vy’iterambere mu bweranda
harimwo ivy’uko abakristu botera intambwe mu kumenya Imana, mu gukomeza urukundo,
mu kurekuriranira n'ibindi, na ho ku bijanye n’imigambi yimirije y’iterambere
mu buzima busanzwe, hakaba ata kindi gikorwa gitegekanijwe atari ukuriha itongo
ryaguzwe mu ngurane, iryo na ryo ngo rikazorihwa mu myaka ine, ubu hakaba haheze
umwaka umwe ririhwa.
Alice Nirambe, Paruwase
Muberure
Aleluya, aleluya.
Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose;
ni ryo jambo ry’Inkuru nziza twabwiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 39-42)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe abagereraniriza ati: «Mbega, impumyi yoshobora kwereka iyindi inzira? Ntizogwa zompi mu manga? Nta mwigishwa aruta umwigisha; ariko umwigishwa nyawe wese, azomera nk’umwigisha wiwe.
Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu
ryawe? Kibure, bishoboka bite ko ubwira mwenewanyu uti: Mugenzi, hinge
ndagutosore akatsi kari mu jisho ryawe, wewe utabona urugiga ruri mu jisho
ryawe? Wa mwangushi we, banza ukure urugiga ruri mu ryawe, hanyuma ubone gukura
akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu.»