Umuhisi Mama Mariya Chantal Gratia Kabanyiginya, akarorero k’umunyakamwemwe mu butumwa no mu buzima
Itariki: 29/10/2025Ababisomye 641 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Mama Mariya-Chantal Gratia Kabanyiginya, mwene Sylvestre Vyaranse na Victoire Mukaremera akaba n'umubikira wo mu muryango wa bene Paulo b’i Fribourg, umubano w'i Gitega, n'ubwo yahitanywe n’ingwara vyaboneka ko yari imubabaje cane, ariko benshi barashima intahe ikomeye cane asize y'umubikira w'umunyakamwemwe n'urukundo

Mama Marie-Chantal Gratia Kabanyiginya, umubikira abatari bake bahora bafata nk’akarorero k’umunyakamwemwe mu butumwa no mu buzima, yaritavye Imana mw’ijoro ryo ku w’Imana igenekerezo rya 19 Gitugutu 2025, ku bitaro Polyclinique Centrale de Bujumbura (POLYCEB), afubwa inyuma y’indwi, ku wa mbere igenekerezo rya 27 ukwo kwezi nyene, mw’itongo rishingurwamwo abihebeye Imana n’abasaserdoti riri mu kigo c’iseminari nkuru y’i Bujumbura.


Mama Marie-Chantal Gratia Kabanyiginya yashinguwe inyuma y’ukumusezera ubwa nyuma ku bitaro vyitiriwe abasirikare vyo mu Kamenge n’inkuka y’imisa yari irongowe n’Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, ari kumwe n’abandi bepiskopi babiri, uw’inararibonye wo muri iyo Diyoseze nyene, be n’uwa Diyoseze ya Ruyigi, Musenyeri Blaise Nzeyimana.

Mu bandi bari baje kumusezera n'igisabisho c'inkuka y'imisa no kumushingura harimwo kandi n'abihebeye Imana, guhera ku bo mu muryango yahora aranguriramwo ubutumwa, bene Paulo b’i Fribourg, bahagarariwe n'umukuru w'uwo muryango ku rwego rw'isi, Mama Agnes Thérèse Coumba Diène, yaje ava i Fribourg mu Busuisse ku cicaro c'uwo muryango.

Hariho kandi n'abihebeye Imana bo mu miryango itandukanye, ababikira n'abafurera, eka mbere n'abasaserdoti, n'abaryango b'amaraso b'umuhisi, n'abakristu incuti n'abagenzi biwe.


Mama Mariya-Chantal Gratia Kabanyiginya mu buzima no mu butumwa

Mama Mariya-Chantal Gratia Kabanyiginya, mwene Sylvestre Vyaranse na Victoire Mukaremera, yavutse kw’igenekerezo rya 19 ntwarante 1980, avukira i Musenga muri Paruwase Muramba, Diyocèse Muyinga, abatizwa kw’izina rya Mariya Chantal Kabanyiginya, kw’igenekerezo rya 19 ntwarante 1987.

Aho agereye mu bigero, amaze no kurangiza amashure yisumbuye, yarumvise umuhamagaro w’Imana, aca aheba igihugu ciwe c’amavukiro nka Ibrahimu, agenda kubandanya atohoza umuhamagaro wiwe mu muryango w’ababikira bene Paulo b’i Fribourg, mu mubano w’i Yaoundé mu gihugu ca Cameroun, kuva mu mwaka w’2006 gushika mu mwaka w’2009. Yaciye abandanyiriza mu gihugu ca Madagascar ahari inzu y’irerero, kuva mu mwaka w’i 2009, ari ho yaronka izina rishasha, aca yitwa Mama Mariya-Chantal Gratia Kabanyiginya, aca abandanya inyigisho gushika mu mwaka w’2011.

Kw’igenekerezo rya 08 Kigarama 2011 ni ho yagize indagano ziwe za mbere, aho nyene muri Madagascar. Umuryango waciye umuha ubutumwa mu Burundi mu mubano w’i Bujumbura aburangurira  muri Librairie Saint-Paul.

Kuva mu mwaka w’2016 gushika mu w’2019, umuryango waramutumye kwungura  ubwenge muri kaminuza y’Ibiyaga binini (UGL), mu vyigwa vy’ugutunganya ubutunzi (Finances et ComptabilitĂ©). Ahejeje amashure yaciye yitegurira indagano za burundu, azigira kw’igenekerezo rya 05 kigarama mu mwaka w’2020.

Mu mwaka  w’i 2024, umuryango waramutumye mu mubano w’i Gitega, wari uherutse kwugururwa, ndetse yabaye mu ba mbere umuryango urungitseyo, arangurira ubutumwa mw’ishami rya Librairie Saint-Paul, akaba ari we kandi yari arihagarariye. Mu kwezi kwa kabiri 2025, umuryango wamushinze kuba umukuru w’uwo mubano mushasha.

Mama Mariya-Chantal Gratia Kabanyiginya yarakunda ibanga yari yaratorewe, kandi akaritwarana urukundo n’akanyamuneza bidasanzwe. Yarangwa kandi n’umutima wo kwitangira ubutumwa nka Paulo Mweranda, kugira ngo inkuru nziza y’urukiza imenyekane. Yarakunda kandi Umuvyeyi Bikira Mariya, akama amwiragiza mu buzima ndetse no mu butumwa yari ashinzwe, ubwo bunywanyi akabugaburiza igisabisho c’ishapure.


Umushaha wa Mama Mariya-Chantal Gratia Kabanyiginya uruhukiye mu Mukama

Mama Mariya-Chantal Gratia Kabanyiginya yitavye Imana ahitanywe n’ingwara yamufashe kuva mu kwezi kwa gatatu, ikaba itigeze imurekura, uretse ko uko iminsi yahera ari ko yagwiza ubukazi, kandi biboneka ko ababaye cane, ariko kandi akabibamwo mu kwemera, kuko yarakunda kwambaza ikigongwe c’Imana. Yaraciye mu bitaro bitandukanye, kandi aho hose abaganga nta ko batagize ngo bagerageze kumufasha, ariko Umukama yabishatse ukundi, imuhamagara mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2025, ku munsi w’Imana wahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza.

Umukama naninahazwe kuri iyo ngabire y’umuvukanyi yari yararonkeje umuryango w’ababikira bene Paulo b’i Fribourg na Ekleziya, kandi awufashe kwakira ishaka ryiwe. Niyiruhukire mu mahoro, Umukama amuronse urugori yateguriye abamugororkeye.

Michel Nibitanga, CEDICOM

Nkunzimana Jean de DieuMama Imana imwakire. Nta nkeka ko aruhutse mu mahoro. Yatubereye umugisha, yari umunyakamwemwe. Imana imuhe ikamba yateguriye aberanda. Ni ukuri yari umuvyeyi mwiza. Akamwemwe ni ko kamuranga. Uko yitwararika ubutumwa, ni ukuri yari intwari. Nta nkeka ko ububabare aciyemwo ari Yezu we nyene yishakiye kwifatanya na we mu bubabare.30/10/2025 isaha 17h04
Ivyiyumviro

Aleluya.

Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,

aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.

Aleluya.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)

Muri irya misi,

Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe, abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa wampaye kuko wankunze isi itararemwa.

Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 200
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI