
Kw'ishure
tabariro rya Kibuye muri Paruwase Rugazi, abakristu baho umusi mukuru wa Kristu
Umwami bari bawiteguriye neza mu gisabisho c’imisi icenda (neuvaine), aho mbere
mu kugisozera, ku wa Gatandatu igenekerezo rya 22 Munyonyo 2025, hari igikorwa
batunganije: baragize urukino rwabafashije gukomeza ubumwe, urukundo
n'umuvukano hagati yabo, inyuma y’inkuka y’imisa yo gusozera ico gisabisho.

Agasangwa
kuri uwo musi wari umusi muri Ekleziya hari haramutse hahimbazwa umusi mukuru
cane wa Bikira Mariya n’umweranda Sisiliya, umuvunyi w’abaririmbiramana, umusaserdoti
mwibutsamana w’imimihari n'imigwi y’ubutumwa, Patiri Alain Michel Habarugira,
ni we yahereje inkuka y’imisa y'uwo musi.
Uwo
musaserdoti yasavye abari aho kudahengeshanya kwitura Umuvyeyi Bikira Mariya, kuko
ari we mushikiriza w'inema zose. Kukaba nka kwo, na Sisiliya mweranda ngo ni we
yagumye yitura, araheza amufasha kuzigama ubwerentegerwa.

Inyuma
y’iyo nkuka y’imisa ni ho hagizwe urukino rw'umupira w'amaguru. Rwari urukino rwa
kivandimwe, kuko hari mu ntumbero yo kunywana no gukomeza ubumwe n'urukundo hagati
y’abagize imihari n'imigwi igize paruwase ya Rugazi.
Hatanguye gukina abigeme bari mu migwi y’ubutumwa, umugwi wiswe «A» ukina n'uwiswe «B», urukino rurangira binjizanije igitsindo kimwe ku busa, haheruka abahungu na bo nyene bari mu mihari n'imigwi y'ubutumwa, aba bobo urukino bakaba barurangije banganije igitsindo kimwe ku kindi.
Athanasie
Nsengiyumva, Paruwase Rugazi
Aleluya, aleluya.
Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose;
ni ryo jambo ry’Inkuru nziza twabwiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 39-42)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe abagereraniriza ati: «Mbega, impumyi yoshobora kwereka iyindi inzira? Ntizogwa zompi mu manga? Nta mwigishwa aruta umwigisha; ariko umwigishwa nyawe wese, azomera nk’umwigisha wiwe.
Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu
ryawe? Kibure, bishoboka bite ko ubwira mwenewanyu uti: Mugenzi, hinge
ndagutosore akatsi kari mu jisho ryawe, wewe utabona urugiga ruri mu jisho
ryawe? Wa mwangushi we, banza ukure urugiga ruri mu ryawe, hanyuma ubone gukura
akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu.»