
Banywanyi b’ikinyamakuru «kw’Isoko
ry’Ubuzima», umwaka uraheze turonka Ijambo ry’Imana n’inyigisho. Turashima cane
ko mwarisomye kandi mukarisabikanya. Turashimiye cane amaparuwase arishikiriza abamenyeshamana, abahimbarisha
eka n’abakristu baza gusenga.
Twagomba tubamenyeshe ko hageze gusubira kwiyandikisha no kuriha (abonnement 2026 ku bashaka kubandanya baronka ikinyamakuru «kw’Isoko ry’Ubuzima» .
* Igiciro c’ikinyamakuru kimwe ni:
500F;
* Ukwiyandikisha umwaka wose:
26.000F;
* Amezi atandatu: 13.000F;
* Amezi atatu: 6.500F;
* Ibinyamakuru birenga 50 (mirongo
itanu): 25.500F.
* Ibirenga 100 (ijana): 25.200F;
* Ibirenga 300 (amajana atatu):
25.000F.
Mu kuriha mwoshika ku kigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura co kumenyesha amakuru (CEDICOM) kiri mu kigo ca Paruwase Katedrale Regina Mundi, canke mukarungika kuri Lumicash 65195250.
Patiri Dieudonné Niyibizi,
Umuyobozi
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Natoye iki kibanza ndakigira ceranda,
kugira ngo izina ryanje rivyagiremwo imyaka n’imyaka.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (2, 13-22)
Yezu avuga igisengero c’umubiri wiwe
Ipasika y’Abayuda yari yegereje, Yezu rero aduga i Yeruzalemu. Araheza asanga mu Ngoro y’Imana abadandaza ibimasa, intama n’inuma, hamwe n’abavunja amahera bicaye. Araheza azingazinga imigozi, ayigira nk’ikimǒko, arabirukana bose abakura mu Ngoro y’Imana, co kimwe n’intama n’ibimasa vyabo. Asanzaza amahera y’abavunja, acuranguza n’amameza yabo. Abadandaza inuma na bo ababwira ati: «Kure ivyo ngaha, ingoro ya Data ntimuyigire inzu y’akaguriro.» Abigishwa biwe rero bibuka ko handitse ngo: «Umwitwarariko w’Ingoro yawe uzombagata.»
Abayuda rero
baramwishura bamubwira bati: «Ko ubigenjeje utyo, ikimenyetso utweretse ni
ikihe?» Yezu abishura ati: «Sambura iyi sengero, nanje nze ndayihagarike mu
misi itatu.» Abayuda rero baramwishura bati: «Iyi sengero bayimazeko imyaka
mirongo ine n’itandatu bayubaka, nawe ngo woyihagarika mu misi itatu?» We
yamara isengero yavuga, wari umubiri wiwe. Aho rero amariye kuzuka ava mu
bapfuye, abigishwa biwe bibuka ko yari yarabivuze, barahava bemera Ivyanditse,
bemera n’ijambo Yezu yari yaravuze.