Mw’isozerwa ry’umwaka wa yubile y'imyaka 2025 y'Ekleziya kw'isi, abakristu b’i Bujumbura basabwa kugendera ivyo bagabanye
Itariki: 30/12/2025Ababisomye 2818 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Ihangiro rizogume ari rya rindi: kubandanya mufatanye mu nda mu kwubaka Ekleziya-muryango no mu gushingira intahe ukuri n’urukundo vya Yezu Kristu, kuko ari vyo bizokiza Uburundi n’isi nzima (Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa)

Wa mwaka mweranda wa yubile y'imyaka 2025 Ekleziya ya Yezu Kristu imaze kw'isi waraye usozerewe ku rwego rw'amadiyoseze kw'isi ku musi witiriwe Umuryango mweranda w'i Nazareti, kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 28 Kigarama 2025. Ku rwego rwa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, uwo mwaka wasozerewe ku Nkuka y'imisa yaherejwe ku gihe c'isaha zine, muri ya paruwase mvyeyi ya Diyoseze nyene yaja irakira ingendo nyeranda, Paruwase Katedrale Regina Mundi.


Isozerwa rya yubile mu yindi migirwa itatu

Imigirwa itatu ni yo yari iramutse ihimbazwa kuri uwo musi muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura: ukwo gusozera umwaka mweranda wa yubile ku rwego rwa diyoseze ngaho kuri Katedrale Regina Mundi, be n’ugukengurukira Imana ku vyiza Imana yagabiye igihugu cayo kiri muri iyo Diyoseze mu mwaka w'2025 wariko usozerwa n'ukwipfurizanya umwaka mushasha mwiza w'2026 wari wimirije, vyabereye ku kirimba c’Umwepiskopi mukuru mu Gihosha.

Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, mu bumwe bw'isangirabutumwa n'isangirangendo n'Umwepiskopi Mukuru w'Inararibonye, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye n'abandi basaserdoti barangurira ubutumwa muri iyo Diyoseze, barifatanije n'abaserukiye umuryango wa Diyoseze wose barangurira ubutumwa mu maparuwase no mu bisata bitandukanye vya Diyoseze, be n'abihebeye Imana, abafurera n'ababikira.


Umwepiskopi yarakeje abakristu ku nema za yubile bagabanye 

Mw'ijambo nyamukuru ry'uwo musi, Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze, ahanini yashimikiye ku gusozera umwaka mweranda wa yubile y'imyaka 2025 Ekleziya, hejuru y'ukuzirikana ku musi mukuru w'Umuryango mweranda w'i Nazareti wari uramutse uhimbazwa muri Ekleziya.

Yabanje gukeza imice itandukanye y'abanyamuryango wa Diyoseze yagiye iragira ingendo nyeranda bakurakuranwa mu mwaka wose kuza kwironkera inema za yubile bagabanye, yongera arabakengurukira ku kigoro bagize kandi hari mu bihe bigoye vy’ukwiyunguruza, atibagiye gukengurukira n'abawuhimbarije mu maparuwase iwabo, be n'abasaserdoti babifashijemwo mu gutegura imigwi bari bashinzwe.


Abashinzwe kwakira abaza muri yubile babitunganije neza

Mu bo yashimiye kandi harimwo abasaserdoti ba Paruwase yakiriye abasangirangendo b’umwizero, Paruwase Katedrale Regina Mundi, na cane cane Patiri mukuru, Patiri Félix Fupi, be na Patiri Steve Mike Niyonkuru yari yashinzwe kwakira abaje muri iyo yubile. Ngo barabitunganije neza ku buryo imigwi yose yabishoboye yakiriwe kandi igafashwa bimwe bishimishije.

Umwepiskopi akaba yarasavye abakristu kugendera ivyo bagabanye muri iyo yubile, mu buzima bwabo bwose. Ihangiro ngo riguma ari rya rindi: kubandanya bafatanye mu nda mu kwubaka Ekleziya-muryango no mu gushingira intahe ukuri n’urukundo vya Yezu Kristu, kuko ngo ari vyo bizokiza Uburundi bwabo n’isi nzima.

Tubibutse ko uyu mwaka wa yubile y'Ekleziya waraye usozerewe wari wuguruwe ku wa 29 Kigarama 2024, kuri iyo Paruwase mvyeyi nyene ya Diyoseze, Paruwase Katédrale Regina Mundi. Ku rwego rw'Ekleziya kw'isi na ho, ku cicaro c'Ekleziya i Vatikano, ukaba wari wuguruwe ku wa 24 Kigarama 2024. Uzosozerwa ku wa 6 Nzero 2026, hazoba ari ku musi mukuru w'ukumenyekana kw'Umukama, Épiphaniya.

Michel NIBITANGA, CEDICOM

Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)

Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 199
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI