
Umuryango w'Umukuru w'igihugu c'Uburundi, wifatanije
n'abagize Leta y'ico gihugu, baraye batanguye igikorane c'igisabisho
c'ugukengurukira Imana ku vyiza yakoreye ico gihugu muri uyu mwaka w'2025
dusozereye, nk'uko yama ibigira uko umwaka utashe. Ico gikorane c'imisi itatu
catanguye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Kigarama kikazosozerwa ku musi
wa nyuma w'umwaka, ku wa Gatatu igenekerezo rya 31 ukwo kwezi nyene.

Igisabisho c'inkuka y'imisa y'ubukengurutsi
cuguruye ico gikorane caherejwe muri Katedrale Regina Mundi, kiyobowe
n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri
Gerevazi banshimiyubusa.
Iyo nkuka y’imisa yitabwe n’indongozi zitandukanye, duhereye ku Mukuru
w’igihugu Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye n’umuryango wiwe, Icegera
c’Umukuru w’igihugu n’Umutambukanyi wiwe, Umukuru w’Inama nkenguzamateka,
umushikiranganji wa mbere n’Umutambukanyi wiwe, hamwe n’izindi ndongozi
zitandukanye zigize Reta y’Uburundi. Eka isengero yari igwiriyemwo ahanini
abagize Leta.
Umuryango w'umukuru w'igihugu kumwe
n'abagize Leta baratambiye Imana mu misa, bongera baranayishikanira amashikanwa
agizwe n'ivyimburwa, nk'ubundi buryo nyene bwo gukenguruka. Umukuru w'igihugu
n'umutambukanyi wiwe, bo ubwabo ni na bo nyene bagiye imbere y'ishengero ryari
aho, baba ari bo bashikiriza igisabisho rusangi c'ugukengurukira Imana ku vyiza
yakoreye Uburundi muri uyu mwaka w'2025 no kuyitura igihugu na Leta ku
bw'umwaka wimirije w'2026.

Imbere y'ugushikiriza ubwo
bukengurutsi n'ico gisabisho, Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze yari yabanje
kubafasha kuzirikana uburyo bubereye bwo gukenguruka, nk'indongozi z'igihugu
cashize Imana imbere, kiyubaha kandi kirajwe ishinga no kugendera mw'ishaka
ryayo. Ni na ho yabasaba ko, mu gushimira Imana ko yabashikanye ku mpera z'uwo
mwaka bakiri bazima, bomenya ivyo bakwiye gukenguruka, atari nka bimwe
vy'abapagani biyeza agatima. Ati: «Ukumenya
Imana nyakwo si ivyiyerekanira mu majambo gusa, kuko n'amashetani ari
amashetani aremeza ko azi Imana.»
Ikindi yabasavye ni ukugira urukundo, atari
rwa rundi rw'abapagani bakunda abo basanganywe gusa, ahubwo rwiyugururira bose,
be no gusaba Imana imbabazi aho bavuze ko bayikunda, ariko bayisasako akarimi,
badakunda bene wabo. Akaba yagiriyeko yipfuriza iyo Leta nyene kumenya ivyo
ikwiye gukenguruka atari nka bimwe vy'abapagani biyeza agatima, yongera
yipfuriza indongozi z'igihugu kujanisha ukwemera Imana n'ingiro mu buzima bwa
misi yose mu gukunda bose badacaguye.

Mu gisabisho rusangi, umukuru w'igihugu
n'umutambukanyi wiwe barakengurutse ibitari bike mu vyo Imana yahaye Uburundi
ngo bitunge abarundi be n’indongozi zitorewe n’abenegihugu. Barongeye
barasabira n'igihugu n’indongozi zaco n'abenegihugu ngo Imana igihe amahoro
yayo, abansi ibahindure abakunzi.
Bareretse Imana kandi n'imigambi bagiye
kurangura mu mwaka w'2026, barayisaba akavura n'akayaga keza no guhezagira ivu
ry'Uburundi ngo ibiterwa bimere kandi bizane umwimbu ushimishije. Ntibibagiye
no gusabira ingo zose zugarijwe n'ingorane zitandukanye ngo Imana izironse
ivyiza vyayo, maze urukundo n'umwizero bisage mu mitima yabo.
Mwomenya ko ico gikorane caciye
kibandanyiriza ku kibuga c'umupira kiri kw'ishure ry'ubuhinga E.T.S-Kamenge, ku
muhingamo. Umukuru w'igihugu n'umutambukanyi wiwe bari kumwe n'izindi ndongozi,
hamwe n'abenegihugu bavuye mu makomine atandukanye agize intara ya Bujumbura.
Michel Nibitanga, CEDICOM
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»