
Umugoroba
ushira ijoro ryo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 06 Nzero 2026 waranzwe
n’akanyamuneza ku muryango wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura no ku miryango
y’amaraso y’abatumwa babiri b’Umukama, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste
Ngoyagoye, Umwepiskopi w'inararibonye wa Diyoseze, na Patiri Adriano Ntabona, na
we nyene inararibonye y'umusaserdoti, bari bagorobeje bahimbaza bongera bigina
isabukuru y’imyaka 60 bamaze batiwe mu busaserdoti busuku.
Urwo
rubanza rukaba rwatangujwe n’inkuka y’imisa yaherejwe muri paruwase mvyeyi ya
Diyoseze, Paruwase Katedrale Regina Mundi, imbere y’uko rubandanyiriza mu
nyubakwa y’imisi mikuru yitiriwe i Kana, aho nyene muri Katedrale Regina mundi,
aho bano babiri baboneyeho kumenyesha ivy’ubucuti bwabo be n’ibihe
vy’inkoramutima kuri bo vyaranze urugendo rwabo rw’ubutumwa.

Ururirimbo
rwo kwipfuriza isabukuru nziza abo bubahwa b'inararibonye b'Ekleziya y'i Burundi
bayipfurijwe mu gahogo ka Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa,
Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, aba bubahwa baranguriyemwo
ubutumwa kandi basanzwe kuri ubu baruhukiyemwo ak'iza bukuru.
Ivyo
birori vyari vyatewe iteka kandi n'umukuru w'inama y'Abepiskopi Katolika b'i
Burundi CECAB, Nyenicubahiro Musenyeri Johachim Ntahondereye, be n'umuserukizi
wa Papa mu Burundi, Nyenicubahiro Musenyeri Dieudonné Datonou. Abari bagorobeje
biginwa bari bashigikiwe kandi n'abagize imiryango yabo y'amaraso.
Ugusangira
urugendo rw'ubusaserdoti kwa Musenyeri Evariste Ngoyagoye na Patiri Adriyano Ntabona,
ukwatirwa ku musi umwe be n'uguhurira no ku bindi bitari bike mu butumwa no mu
buzima vyaratumye bunga ubucuti butigeze bucika gushika na mango aya.
Musenyeri
Evariste Ngoyagoye ati: «Uyu Patiri Ntabona twarabanye neza, twatanguye mu
mwaka w’1954, kuva bajana kw’isemirari y’i Mugera, kubandanya ku y’i Burasira,
eka mbere no hanze y’igihugu i Roma». Mu nyuma ngo baratandukanye gato, ariko
mu nyuma, mu mwaka w’1973 barasubira guhurira kuri Katedrale Regina Mundi, uwo
mwepiskopi akiri umusaserdoti, yagizwe Patiri mukuru w’iyo paruwase.

Mu
nyuma yarungitswe muri Diyoseze y’i Bubanza kuyibera umwepiskopi, uwundi asigaye,
ariko ngo bagahurira mu nama y’abepiskopi, Patiri Ntabona ayibereye
Umunyamabanga. Ngo baca barasubira gukorana hafi na hafi cane, gushika n’ubu aho
bompi bari mu karuhuko k’iza bukuru.
Ariko
kandi, aba bompi ngo barafise n'ivyo bibuka mu buzima bwabo bw'ubutumwa. Ku
ruhande rumwe ni aho bashima urugero bashitseko rwo gutagatifuza igihugu
c'Imana c'i Burundi mu gushikiriza ijambo ry’Imana mu buryo butari buke bigisha
ikatikisimu no mu nkuka z’imisa no gusabira abakristu ngo babe beranda biciye
mu masakramentu. «Tworaba abantu twagiye turafasha ngo basubize hamwe n’Imana si
bake, hanyuma rero no kurongora Diyoseze canke paruwase, twaragize uko
dushoboye», ni kwo Musenyeri Ngoyagoye yavuze.
Ku
rundi ruhande na ho ariko ngo barafise n'intambamyi bagiye barahura na zo mu
butumwa nyene. Intambamyi bagarutseko ni iy’iburabuzwa rya Ekleziya ku ntwaro
ya Bagaza. Musenyeri Evariste Ngoyagoye ngo hariho abigeze gushaka kubumvisha
ko kabaye, ariko abishura ko kazoza k’Ekleziya kari mu minwe y’Imana; ico gihe
ngo uwayiburabuza ntiyamaze amezi arenga atatu adakinjuye ku ntwaro, Ekleziya
iraheza irabandanya.
Mu
nama nkuru y'Abepiskopi Katolika b'i Burundi CECAB barakeje bongera barakengurukira
izi nararibonye za Ekleziya ko ngo zabaye kirumara muri urwo rwego rw'Ekleziya
y'i Burundi no ku muryango wose w'igihugu c'Imana gishagaje mu Burundi.
Yaribukije
aho Musenyeri Evariste Ngoyagoye yayibereye umuyobozi kandi yisubiriza, n’aho Patiri
Adriyano Ntabona yayibereye Umunyamabanga, mbere ngo akaja aranatanga n’intumbero
ibereye mu gutumbereza neza ibintu. Iyo nama y’abepiskopi ngo irafise n’ibinyamakuru
imukesha vyaranga ibikorwa vyayo. Ngo barahimbawe kubona baragumije ibanga,
gushika n’uno musi.

Musenyeri
Evariste Ngoyagoye yavutse ku wa 3 Nzeri 1942 mw’i Jenda, mu ntara ya
Bujumbura, yatirwa mu busaserdoti ku wa 6 Nzero 1966, i Roma, yatiwe na papa
Paulo-VI, batiriwe rimwe ari abasaserdoti 3 b'abarundi, we na Patiri Adriano
Ntabona be n'uwundi musaserdoti ubu yarengutse i Bukama, Patiri Mathias
Ntakimazi.
Na ho Patiri Adrien Ntabona, umusaserdoti akaba n'umwigisha muri kaminuza, umwanditsi w'ikirundi, yavutse mu mwaka w'1939. Arazwi ku vy'imico n'akaranga vy'Uburundi, ariko na cane cane ku vy'uko ari we yatanguje paruwase Mutima w'Ubwitonzi yo ku Mutanga yakira umuce w'abakristu biga muri za kaminuza aho yigishije igihe kitari gito muri kaminuza y'Uburundi, ifasha vy'umwihariko abanyeshure baza kwiga muri kaminuza ya Leta bavuye irya n'ino mu ntara z'igihugu. Ni na ho iyo Paruwase benshi bayita kwa Ntabona.
Zino
nararibonye zibiri, guhimbaza iyi sabukuru y'ubusaserdoti bwazo, zikaba
ziterereza igisabisho ngo Umukama abandanye azibungabunga mu bweranda.
Michel
Nibitanga, CEDICOM
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»