
Ku
w'Imana igenekerezo rya 25 Nzero 2026, ku musi w'Imana wahariwe Ijambo ry'Imana
muri Ekleziya kw'isi, uwo musi warahimajwe no muri paruwase yitiriwe Umushaha
Mweranda wa Yezu yo mu Maramvya, ukaba waranzwe no kurungika mu butumwa abasomyi
b’ijambo ry'Imana hamwe n’abavuga amazabuli.
Uwo
musi mukuru watangujwe n’igisabisho c'inkuka y’imisa yahimbajwe ku gihe c'isaha
zine n’iminota mirongo itatu (10h30) iherejwe na Patiri Agapith Nindorera, patiri
mukuru.

Ni
muri iyo nkuka y’imisa nyene haciye habamwo umugirwa wo kurungika abasomyi b’ijambo
ry'Imana hamwe n’abavuga amazabuli mu butumwa. Patiri mukuru yatumiriye abakristu
gusoma cane ijambo ry'Imana kuko muri ryo ari ho Umukama ayagira igihugu ciwe.
Abahurikiye
mu mugwi w'abasomyi b'Ijambo ry'Imana kumwe n’abavuga amazabuli na bo yabatumiriye
kuja baritabira inama z’imibano mito mito mu kwifatanya n'abandi bakristu
gusomera hamwe ijambo ry'Imana.
Akaba
yaciye aboneraho kubamenyesha ko ubutumwa barungitswemwo bufise ikiringo
c'umwaka umwe, ariko kandi ko bashobora no kwisubiriza bivanye n'uko umwe umwe
wese azoba avyiyumvamwo canke abishobojwe n’Umukama.

Inyuma y’iyo nkuka y’imisa haciye habaho ugusangira amasaka hagati y’abahujwe n’ubwo butumwa bw'ijambo ry'Imana, baba abo ku murwa mukuru wa paruwase be n’abo mu bisata vyose bikukira Paruwase, ari vyo Buhomba na Kirekura. Uwo musi ukaba waranzwe n'akanyamuneza kadasanzwe.
Gad Karenzo, Paruwase Maramvya
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.