
Abaririmbiramana bo mu mugwi «Ave Maria» urangurira ubutumwa muri Paruwase yitiriwe Yohani Paulo-II yo mu Buterere barakwije imyaka itanu batanguye ubutumwa bwo kuririmbirimana. Ku wa Gatandatu igenekerezo rya 24 Nzero 2026 harabaye umwiherero w'abo baririmbiramana.

Uwo
mwiherero wabereye mu kigo citiriwe Vincent wa Paulo mweranda (Saint Vincent de
Paul) c'ababikira, ku civugo kigira kiti: «Ico aja kubabwira cose muragikora» (Yoh.2,1-11).
Iyo nyigisho ikaba yatanzwe na Patiri Henri Bakishimira.
Inyuma
y’iyo nyigisho, abo baririmbiramana baciye baja gushengerera Yezu mw’Ukaristiya,
bagirako baronka n’isakramentu ry'ikigongwe, basozerera ku nkuka y’imisa. Uwo
musaserdote yaribukije abo baririmbiramana ko Ekleziya ibasaba kuryosha inkuka
y'imisa, ivyo bigaca mu kwitanga no mu bugamburutsi.

Tworangiza
tubamenyesha ko isabukuru nyezina yahimbajwe bukeye, ku w’Imana igenekerezo rya
25 Nzero 2026, mu nkuka y’imisa yaherejwe kw’isaha zine n’igice (10h30).
Claude
Nsengiyumva, Paruwase Buterere
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»