
Abaririmbaramana bo mu mugwi witiriwe «Abamarayika bo mw'ijuru» barangurira ubutumwa muri Paruwase yitiriwe Umweranda Guido Maria Conforti yo mu Kamenge basanzwe bafasha mu nkuka y'imisa y'igifaransa iba ku ku musi wa gatatu buri ndwi bariginye isabukuru y'imyaka ibiri bamaze batanguye kurangura ubutumwa muri iyo Paruwase. Iyo sabukuru bayihimbaje  ku musi w'Imana igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2026.
Ukwigina iyo sabukuru
vyatangujwe n’inkuka y'imisa yaherejwe na Patiri Elvis Ndihokubwayo, aho
yabwiye abo baririmbiramana n’abandi bari aho gusaba ingabirano yo kwicisha
bugufi, aho abantu benshi iyo bafise amahera ngo usanga bataba bacicishisha
bugufi, hakabaho mbere n’abibagira ko ari abana b'Imana, babona ko umengo
barahambaye, bakibagira ko vyose ari ubusa, kandi ko ivyo kw'isi bihinda bihera.

Uwo musaserdoti yabandanije
abatumirira gutahura ko ivyo bafise vyose babihawe n'Imana ngo ni co gituma bakwiye
kugira ingabirano y'ubwitonzi.Â
Yahanurye kandi kwicisha bugufi mu gufasha impfuvyi n’abapfakazi, vyongeye bakitaho abakozi bo
mu nzu, kuko ngo hariho abo usanga babacinyiza ha kubabatunganyiriza.
Yabasavye kurondera Imana muri vyose, gusaba ingabirano yo kwicisha bugufi n’ukugira ubwitonzi. Vyongeye, ngo boba abarondera amahoro n’ubutungane, ngo ni ho bazoronka ubuzima budahera.
Na none mu karangamutima ka kera, aba kera ngo barangwa n'urukundo, aho wasanga nk'umuntu
yaba atagira umunyu yaca asimbira ku mubanyi akawumuha, yagira umushitsi ata
tuvuta two kurya afise agaca yikora ku mubanyi akamuhakurirako, kandi ngo bakabitangana
akanyamuneza.

Yarangije yipfuriza abo
baririmburamana n’abandi bari aho ko mu kurondera Imana bokwisunga ivyo Yezu
yababwiye, ngo ni ho bazokwibanira n'Imana ubu no mu myaka yose.
Imisa irangiye, ukwiginana
kw’abari muri uwo mugwi vyaciye bibandanyiriza mu gatutu.
Marie Grâce Bariho, Paruwase
Kamenge
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.