Mu Kanyosha, ubukene bw’amazi muri karitiye Busoro burageramiye abenegihugu
Itariki: 06/02/2026Ababisomye 3061 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Abo benegihugu bibaza ko iryo kena ry’amazi meza yo mu mabomba rishobora kuba riva ku kuntu iyo karitiye iri ahantu hahagaze, kuko ngo nko mu zindi karitiye ziri hepfo hoho amazi araboneka, bakaba basaba Leta mvyeyi ko yogira ico ikoze ngo ako gace karonke amazi

Abenegihugu baba muri karitiye Busoro yo muri zone Kanyosha barafise ubukene budasanzwe bw’amazi meza yo mu mabomba, nk’uko bavyiganiye abari mu mugwi wo kumenyesha amakuru wa Paruwase Kanyosha, aho bagendera iyo karitiye, ku musi w’Imana igenekerezo rya 01 Ruhuhuma 2026.

Karitiye Busoro ni imwe mu zigize zone Kanyosha yo muri komine Mugere, ku mugwa mukuru w’ubutunzi w’igihugu c’Uburundi, Bujumbura. Iyo karitiye ihana urubibe na zone Kiyenzi isanzwe ifise amasoko atari make y’amazi.

Nk’uko abari mu gisata co kumenyesha amakuru muri Paruwase Umuvyeyi w’ikingongwe yo mu Kanyosha bavyiboneye aho bagendera iyo karitiye, haribonekeza ubukene bw’amazi mu gace ka Busoro.


Icibonekeza ni uko amabombo ya REGIDESO yoyo, n’aho usanga hari imihana imwe imwe arimwo, abenegihugu bavuga ko haheze igihe ata n’ima ry’amazi rikoroka. Eka mbere ngo hariho n’imihana imwe imwe abenegihugu baherutse bashira amabomba mu mpangu zabo, ariko gushika ubu bakaba ata mazi barigera baronka.

Abo benegihugu bibaza ko iryo kena ry’amazi meza yo mu mabomba rishobora kuba riva ku kuntu iyo karitiye iri ahantu hahagaze, kuko ngo nka karitiye Musama na Gisyo yo amazi araboneka, n’aho batayaronka imisi yose.

Abo benegihugu bamenyesha ko kugira ngo baronke amazi meza bitaborohera na mba, kuko ngo abatari bake bakoresha amazi y’uruzi Kanyosha, canke bakareka amazi y’imvura mu gihe c’imvura, ibishobora gutera indwara zikwezwe n’isuku rike.

Babandanya bamenyesha ko n’abagerageza kuronka amazi meza ari abifise gusa, bafise uburyo, kuko bobo baca bakoresha amafaranga. Ngo kuronka amazi y’ibomba muri ako gace bitwara amafaranga ashika ku bihumbi bitatu kw’ibido imwe, mbere n’ibihumbi bitanu bivanye n’aho uwuyatumye aherereye.

Abo benegihugu bakaba basaba Leta mvyeyi, nk’uko yaje ari umuvyeyi, ibabere umuvyeyi koko, bakaba bayitera akamo ko yogira ico ikoze ngo ako gace ka Busoro karonke amazi meza.


Tubajije Gad Irambona arongoye iyo karitiye ico avuga kuri ubwo bukene bw’amazi, yamenyesheje ko hariho umugambi w’umukuru w’igihugu w’amazi yimbwa mu kuzimu, ariko ko iyo karitiye ifise ikibanza kimwe gusa, mu gihe abantu bayibamwo bobo barenga ibihumbi mirongo itatu na kimwe.

Uwo arongoye iyo karitiye agatera akamo abajejwe uwo mugambi ko bobaronderera ibindi bibanza bokwimbamwo ayandi mazi, kugira ngo baramire abanyagihugu.

Ariko kandi kubera ko iyo karitiye ihana urubibe na zone Kiyenzi isanzwe ifise amasoko atari make y’amazi, Gad Irambona akabona ko umuti urama ari uko  Leta yobaronsa amazi azananye muri iyo zone ya Kiyenzi.

Mbere ngo hariho n’abanyagihugu bamaze kwiyumvira kuja hamwe ngo bakwege amazi ava muri iyo misozi, n’aho ata kinini abavuna, kubera ko badafise ubushobozi bwo gukwenga amazi menshi. Uwo mutware agaha umwizero abo benegihugu ko abatware ku rwego rwo hasi bazobandanya badodora ngo barabe ko Leta yoheza ikumva ako kamo k’abenegihugu.

Mwomenya ko ico kibazo c’amazi ciboneka kandi no muri karitiye ya Nkenga, bikagaragara ko ari ikibazo gihanze ayo makaritiye uko ari abiri, ariko kandi bikaboneka ko hamwe Leta yobishaka, ayo mazi boyaronka, kuko yoyakwega iyakuye mu misozi ihanamiye ayo makaritiye.

Tubibutse kandi ko aho muri karitiye Busoro, Paruwase Kanyosha yamaze  kwiyumvira umugambi wo kuhubaka isengero ngo ipfunyirize urugendo abakristu, ubu bakaba baharonkera inkuka y’imisa kabiri mu ndwi.

Ikindi mwomenya ni uko uwo mugambi wo gukwenga amazi ava mu misozi ihana urubibe n’izo karitiye ushoboka mu gihe Leta yobifata mu minwe, mbere n’ayandi makaritiye agashikirwa.

Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha
Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.

Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,

ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Matayo (18, 15-20)

Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye

Muri irya misi,

Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango, uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.

Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi: abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi)   7h00 (en Kirundi) 8h15 (en Français)   10h00 (en Kirundi)   12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi) 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
C. Confession
Mardi à vendredi: après la messe matinale
Mardi et Jeudi : 16h00 Ă  17h30 (avant la messe)
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
Chapelle Busoro: 9h00
B. Adoration
Du lundi au vendredi: de 7h00 Ă  19h00
Samedi: de 7h00 Ă  13h00
Dimanche: de 13h00 Ă  16h00
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 7h30 (en Kirundi), 09h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GAHAHE
4. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
5. PAROISSE KAMENGE
Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h15 (Kiswahili),11h00,16h30
Succursale Nyabagere : 6h00, 8h00, 10h00
Succursale Muyaga: 8h00, 10h00
Succursale Winterekwa: 8h00, 10h00
Succursale Gishingano : 8h00, 10h00
Succursale Nyambuye: 8h00, 10h00
Adoration Ă  la Paroisse
Mardi et Jeudi: de 7h00 Ă  18h00
6. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
7. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h30
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : de 15h00 Ă  16h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
5.PAROISSE GATABO
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Le premier jeudi du mois, toute la journée
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 176
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI