
Paruwase
Kanyosha, ibicishije ku mugwi w’inama ntunganyabutumwa wayo ujejwe ubutumwa
bw’ubwibutsamana mu gisata c’incabwenge, ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya
31 Nzero 2026 yararemesheje ikiganiro-nyigisho ku bigisha-barezi n’abayobozi b’amashure
ari muri zone Kanyosha, ku civugo kigira kiti: «Kwigishanya urukundo
n'ubushobozi, ubutumwa bw'umwigisha-murezi w'umukatorika mu kwigisha no guteza
imbere umunyeshure mu buryo bwuzuye».
Ico
kiganiro catanguye ku gihe c'isaha zitatu z'agatondo, mu nzu «Umuvyeyi
w'ikigongwe» ya Paruwase yagenewe amanama n'imanza, kiremeshejwe n’abakristu
batatu: Izaac Gahungu, Gisèle Ndereyimana na Eugène Ngomirakiza, basanzwe
bafadikanije ubwo butumwa muri ico gisata.

Gahungu
Izahaki, umukuru w’uwo mugwi, yishimikije ijambo ry'Imana ryavuye mu Nkuru
Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Matayo ivuga «ukuba umunyu n’umuco w’isi» (Matayo
5,13-16), yahamagariye abigisha-barezi n’abayobozi babo kuba umunyu n’umuco w’isi
mu butumwa bwabo, bakamurikirwa n’Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, kuko Imana ari
yo muco umurikira abantu, ukagereranywa n'ukuri n'ubutungane, gutyo
babahamagarira kuba abarongozi batazimiza.
Na
ho Gisèle Ndereyimana na Eugène Ngomirakiza, muri ico kiganiro, baramenyesheje
abari aho ico ari co «uburongozi», bongera babamenyesha ko uburongonzi nyambwo
ari uburongozi bushingiye ku guhinduka no guhindura aho umuntu abaye.
Aha
bamenyesheje ko akarorero keza ari ko karuta vyose. Abigisha-barezi babahamagariye kwigishanya
urukundo n’ubushobozi. Ikindi, ngo borangwa n’imico myiza y’abarundi no
kugendera ubukristu, kugira ngo abarerwa babo babonere kuri abo bigisha umuco
utazimiza, gutyo babafashe gutera imbere mu buryo bwuzuye.
Na
ho ibiranga uburongozi bwiza, ubwa mbere ngo ni ukwisunga uburongozi bwa Yezu Kristu,
we ngo yarangwa no guca bugufi no kuba umusuku w'abandi. Babigize gutyo ngo ni
ho umurimo umwigisha akora uheza ukamutagatifuza. Bakaba bahamagariye abari aho
kurangwa n’imico myiza y’ubuntu, imurikiwe n’ijambo ry’Imana.
Twarayaze
n’umwe mu bigisha-barezi bari bitavye izo nyigisho, Christophe Banyankanzi, arangurira
umurimo wiwe kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe umubano mwiza ryo mu Kanyosha
(Lycée de la Convivialité), yamenyesheje ko izo nyigisho hari ico zamwunguye, kuko
ngo zihamagarira guhinduka no guhindura aho baba n’aho bakorera, be no
guhinduka bo ubwabo (abo bigisha), na cane cane mu kuba akarorero keza, kandi
ivyo vyose ngo bakabirangurana urukundo.

Tubamenyeshe
ko uwo musi w’igenekerezo rya 31 Nzero wari usanzwe ari umusi uhariwe umweranda
Yohani Bosco, uwo na we akaba yaritaho cane urwaruka n’indero, mbere akavuga ko
ata rukundo ruhari ata ndero ishoboka. Uwo mweranda rero abigisha barezi bakaba
bamwisunga nk’umuvunyi wabo.
Ikindi
mwomenya ni uko aho muri zone Kanyosha hari ubukene bw’amashure, kuko muri zone
Kanyosha hari amashure yegukira Leta indwi gusa, atanu muri yo akaba ari muri
karitiye Gisyo, imwe muri Karitiye Busoro, n’iyindi imwe muri Karitiye Musama. Ni
mu gihe muri karitiye Kajiji hoho ata shure rihari, be no muri karitiye Nkenga.
Vyongeye kandi, amashure afise ibisata vy’inyuma y’ishure shingiro akaba ni abiri
gusa.
Kubera
ubwo bukene bw’amashure, ivyo bituma abana usanga ari benshi cane mu mashure,
mbere bamwe bamwe bakabura n’aho bicara, ugasanga bicaye hasi, kuko ayandi
mashure y’abigenga usanga azimvye, abavyeyi benshi ntibashobore gutwarayo abana
babo. Ivyo vyose bikaba bituma habaho n’abana baheba amashure, cane cane muri
izo karitiye zitagiramwo ishure shingiro.
Diomède
Nyandwi, Paruwase Kanyosha
Aleluya,
aleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera
ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Matayo (18, 15-20)
Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye
Muri irya misi,
Yezu
yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe
n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke
babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu.
Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango,
uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi: abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo.»