
Ku w'Imana igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2026, abagize umugwi w'abaririmbiramana wo mu mibano mito mito witiriwe «Bakhita Mweranda» wo muri paruwase yitiriwe Umweranda Guido Maria Conforti yo mu Kamenge bahimbaje isabukuru y'imyaka 27 y'amavuko y'uwo mugwi.

Ibirori
vyatanguriye ku nkuka y'imisa yaherejwe na Patiri Taninas Yoanes. Abarundi bati: «uwumaze imyaka myinshi aba yariye umunyu mwinshi», uwo musaserdoti, yisunze
ibisomwa vyeranda vy’uwo musi, yasavye abo baririmbiramana n’abakristu muri rusangi
kuba kuba umunyu w'isi n’umuco umurikira abandi biciye mu ngeso nziza no mu
bikorwa vyabo, bagaha isi akanovera.
Mu
mwanya w’ihereza, abo baririmbiramana barashikaniye Imana mu kugaragaza
umunezero bari bafise no mu kuyikengurukira. Ishikanwa ryabo bakaba ngo
barigeneye igikorwa c'urukundo mu kwifatanya n'abarwaye ku musi mpuzamakungu wahariwe
ukwibuka abarwaye wimirije.

Tubamenyeshe
ko uwo mugwi wavutse mu mwaka w’1998, nk'uko vyashikirijwe na Kaka John Nzeyimana
asanzwe ari imboneza muri uwo mugwi.
Tubamenyeshe
kandi ko uwo mugwi ufise inkurikirane zitatu z'indirimbo umaze gushira ahabona,
izo ndirimbo zikaba ari iz’ukuninahaza Imana no gukwiza hose Inkuru Nziza.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»