
Abahurikiye mu mugwi w’abaririmbiramana
witiriwe «Mukiza Mweranda» wo kw’ishure tabariro rya Gishingano muri Paruwase
Guido Maria Conforti yo mu Kamenge, ku wa Gatandatu igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2026
bari baramutse bagira umwiherero wo kwitegurira guhimbaza yubile y'imyaka 50 uwo
mugwi umaze uvutse.
Uwo mwiherero waranzwe ahanini n’inyigisho
yatanzwe na Patiri Rénovat Bikorimana, Umwibutsamana w'imigwi n'imihari muri
Paruwase Kamenge, ku civugo kivuga kiti: «Urukundo rwa Kristu ruratugobera.»

Uwo mwibutsamana yavuze ko ico
civugo ca yubile ari na co abo baririmbiramana bazirikanye muri iyo nyigisho. Ku
bwiwe, ngo mu kuzirikana ico civugo bokibonamwo urukundo rwa Kristu rubaduhutagiza,
maze bagaheza bazirikanamwo Yezu Kristu we nyene Rukundo rudahemuka, yakunze abantu
bose urutiziganya gushika anabapfire.
Yabananije yigisha ico ari co «yubile»,
be n’ibiranga uwitegurira yubile. Ngo arangwa n’ico yamaze, ico yamariye abandi,
kandi ngo akakimara ahimbawe, kubera ko Imana iba yaramuzigamye muri iyo myaka
yose.
Yabandanije asaba abo baririmbiramana
kwiga gusaba ibisumba ibindi, ubwitonzi, nka bumwe buvuga mu nkuru ya Salomon asaba
Umukama ikiruta ikindi, nk’uko iyo nkuru ivugwa mu gitabu ca mbere c'Abami (1Abami 3,4-14).
Ikindi yabasavye ni ukurangwa n'umutima uca bugufi nk'umwami Dawudi, we ngo yamenya ko yacumuye agaca bugufi, agasaba ikigongwe Imana. Kanatsinda yubile ngo ni n’umwaka w'ikigongwe, umwaka wo gusaba no gutanga ikingongwe, vyumvikana ko babanza kwisuzuma, bakirimbura ku mutima no ku mubiri.
Patiri Rénovat Bikorimana yasozereye
ashimira abo baririmbiramana biyumviriye guhimbaza iyo yubile babanje
kwinagura. Akaba yarabasavye ko ico
civugo n'izina bitirirwa bokwama babigendera.
Tubamenyeshe
ko iyo yubile izoba muri uyu mwaka turimwo w'2026, mu kwezi kw'indwi.
Rodrigue
Nicintije, Paruwase Kamenge
Aleluya, aleluya.Uwunkuririra ntazogendera mu mwijima, azoronka riho umuco w’ubuzima. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12, 24-26)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, nayo rupfuye rwera vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba ariko arabutakaza, nayo uwanka ubuzima bwiwe kuri iyi si aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera n’ankurikire; bitayeko aho ndi, ni ho n’uwunkorera azoba. Uwunkorera Dawe azomutera iteka.»