
Bavukayi, ku musi wa Gatatu
igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2026, ku musi wo guhimbaza Bikira Mariya
umugabekazi w’i Lurdes, kuri iyo tariki nyene ni ho duhimbaza umusi
mpuzamakungu ugira uwa 34 wahariwe abarwaye. Ku rwego rwa Diyoseze Nkuru ya
Bujumbura ukazohimbarizwa muri Paruwase Bukwavu.
Icivugo c’uyu mwaka kikaba ari:
«Kugira impuhwe n’ikigongwe nk’Umunyasamariya: Kunda
mu kwikorera ububabare bwa mwene wanyu».
Ni icivugo catowe na Nyenubweranda Papa Leon-XIV (Luk.10,29-37).
Ni
icivugo kitwereka ishusho y’Umunyasamariya yerekanye urukundo mu gufata umuntu
yari amerewe nabi, yari yaguye mu mutego w’abasuma. Ngo amubone, amutera
ikigongwe, aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n’umuvinyu,
araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga.
Umunyasamiriya
yashatse kugaragaza rwa rukundo kuri mugenzi wacu. Urukundo nyarwo rugaragarira
mu bikorwa biboneka vy’ikigongwe dukorera bene wacu bari mu bubabare
bw’indwara, abari mu bukene, abari mu bunyakamwe no kuba bonyene, baratawe.
Aya
majambo Yezu atubwiye ashatse kuremesha abantu bababaye n’abarushe ku mutima no
ku mubiri. Yezu natwe aduhamagarira kwitaho abo bose bababaye ngo tubabe hafi,
tubaremurure mu vyo dushoboye.
Kuri
uwo musi, Ekleziya iraduha akaryo keza ko kwiyibutsa ingene yitwararika abakitswe
n’amagara. Erega
ngaha kw’isi hari igihe tuzazanirwa, ingorane zikatubana amananiza. Hari igihe
ingingo z’umubiri ziduhinduka, amagara akadukika, indwara ikatwaka umwidegemvyo
n’ubushobozi bw’ugutunganya ubuzima bwacu no kwikenura.
Indwara irafise ico igabanya
ku buryo bwacu bwo kwiyumvamwo igihagararo ca muntu. Muri bene ivyo bihe umuntu
arakeneye uwumuremesha ku mutima, akumva ko akunzwe kandi akakirwa uko ari.
Mbere no ku mubiri hari abakenera ikibunganira mu bushobozi bwo kwivuza no
kwikenura mu buryo butandukanye.
Ese umutima w’urukundo Yezu
yatwigishije twowerekanira cane cane mu bikorwa vyo kuremeshanya, gushigikirana
no gutabarana mu bihe bigoye, tutibagiye kuremesha abarwaye.
Bavukanyi, dusabe Yezu
umutima w’urukundo nk’uwiwe ngo dushobore kwitwararika bene wacu aho turi hose
ngo tuzoshobore gutorana ubuzima budahera.
Marie Rose Ngendakumana,
CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Amajambo yawe, Mukama, aduha umutima n'ubuzima,
kuko ari Wewe ufise amajambo y'ubuzima budahera.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Luka (7, 31-35)
Muri irya misi, Yezu yabariye ishengero ry'Abayuda ati: «Mbe abantu ba none nobagereranya na nde? Basa na nde? Basa n'abantu bicaye ku nama bagahamagarana bakabwirana bati: Twabavugirije umwironge ntimwatamba; twakomye induru ntimwarira. Raba, Yohani Batista yaje ata mukate arya, ata mvinyu anywa; none muvuga muti: arimwo ishetani. Umwana w'umuntu yaje arya, anywa; none muvuga muti: Ni umuryi wa cane, ni umunywi w'imvinyu, ni umukunzi w'abatozakori n'abanyabicumuro. Ariko, Ubwitonzi bwerekanywe n'abana babwo bose.»