
Ku musi w’Imana igenekerezo rya 8 Ruhuhuma, abihebeye Imana bagize bagize intara y'ubutumwa ya Mikaheli Mweranda be n'iya Gihosha barahuriye muri Paruwassi yitiriwe Yozefu Mweranda (Ngagara), ngo biginane ku musi mpuzamakungu wabahariwe ugira uwa 30, ku civugo kigira giti : « KWUMVIRIZA IJWI RISAMIRANIRA MU GACERERE KUGIRA NGO UBUZIMA BW'UKWIHEBERA IMANA BWUBAKIRWE KU MUZIRIKANYI.»
Ivyo birori vyatangujwe n’inkuka ya misa
yatanguye igihe c’isaha zitanu, iherejwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi
Banshimiyubuisa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura.

Nyenicubahiro
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubuisa, mu nyigisho y’uyo musi yagize ati : « Iyi si yacu
ntituyigirira akamaro mu kuyikorera gusa mu biboneka kugira ituronse
ibidutunga n’ibidutungira abacu, ni nyabuna ukuyibera umunyu n’umuco ngo ironke
akanovera yongere ibone iyo iva niyo ija ». Aca atumirira abakristu mu
kwemera kwabo kwoshimikira kuba ivyabona vya Kristu mu kuba umunyu n’umuco isi
ikeneye nabo abihebeye Imana bakabwirizwa kubirangura kubwo umwihariko bijanye n’indagano bagira mu mihamagaro yabo n’ubutumwa
bitandukanye.

Furera
Désiré Dusaberugira, umusaserdoti wo mu muryango w ‘abasaserdoti
b’inyigisho Rukristu, asanzwe aserukira abihebeye Imana muri Vikariya za Saint
Michel na Gihosha,yavuzeko gukoranira hamwe nk’abiheye Imana bigaragaza ko bose
bubatse Ekleziya imwe y’imana mu kugira ubumwe n’urukundo mu butandukane bwabo,
mu kwigina iyo ngabire y’ubuzima bwihevyi bagabiwe n’umukama muri Ekleziya
y’Imana.
Nayo mama Marie Goreth Nizigiyimana ari mu muryango w’abigishwa ba Yezu, yavuze ko naho uwo musi mukuru uhimbazwa kenshi, urabazanira akarusho mu buzima bwihevyi kuko kaba nakaryo ko kwisubiza itoto muri iryo banga no mu butumwa bwabo.Aca agirako atumirira abandi kwama bisunga Yezu mu kutamuja kure mu kuba umunyu n’umuco isi ikeneye kugira igumane akanovera.
Umupfasoni
Nimbona chantal , umwe mu bakristu bo muri iyo Paruwasi, kuri we, guhimbaza uwo
musi mukuru kumwe n’abihebeye Imana bibakaburira nabo gukunda
iryo banga no kurikundisha abana babo.
Tubamenyeshe
ko uwo musi mukuru usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma, k’umusi mukuru
w’iherezwa ry’Umukama wacu Yezu Kristu, bigatuma abihebeye Imana bibuka ko nabo bahamagariwe
kwama batura Imana ubuzima bwabo ku musi ku musi kugira bashobore kugendera iryo banga
batoranye.
Mama Yvonne
wa Yezu, CEDICOM
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Umukama yavuze ati:
«Nimwamize yompi ibicumuro vyanyu;
maze mwigirire umushaha n’umutima mushasha.»
Â
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 14-23)
Â
Muri irya misi,
Yezu yariko arirukana ishetani, nya shetani ikaba ikiragi. Isohotse, ca
kiragi gica kiravuga; ishengero na ryo rigwa mu gahundwe. Mugabo bamwe muri bo
bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.»
Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: « Twereke ikimenyetso
kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani ku bwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute? Ngasangwa
nanje nirukana amashetani ku bwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha iki? Ni
co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ugasangwa nirukana amashetani
ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
«lyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, araririye urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye akaja arabigaba.
«Uwo tudashize hamwe aranyanka, uwo twimburira kubiri arasesagura.»