
Ku musi w'Imana igenekerezo rya 08
Ruhuhuma 2026, wari umusi mpuzamakungu w’ubuzima bw’ukwihebera Imana, uwo musi ukaba
warahimbajwe no ku rwego rw’intara y'ubutumwa ya Muramvya, aho abihebeye Imana
barangurira ubutumwa muri iyo ntara bahuriye muri Paruwase yitiriwe Umweranda Eduwarudo
yo mu Bukeye.

Uwo musi mukuru wahimbajwe ku civugo
kigira kiti: «ukwumviriza
ijwi risamiranira mu gacerere, kugira ngo ubuzima bw'ukwihebera Imana
bwubakirwe ku muzirikanyi».
Ihimbazwa ry’uwo musi mukuru ryatanguriye
ku nkuka y’imisa yaherejwe n'icariho c'Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze ya
Bujumbura mu ntara y'ubutumwa ya Muramvya, Patiri Désiré Ninahazimana, ari kumwe
na Patiri Mukuru wa Paruwase Bukeye, n'abandi basaserdoti barangurira ubutumwa
muri iyo ntara. Iyo nkuka y’imisa yatangujwe n'urugendo inyuma yo guhezagira
amatara.
Inyuma y'inkuka y’imisa, abo bihebeye
Imana baciye bahurira mu nzu y'amanama y'ikigo c'irerero ry'abafurera Bene
Paulo mu Bukeye ngo biginane bongere bigine umuhamagaro batoranye.

Ku bwa Mama Domitile, umubikira wo
mu muryango w’ababikira bene Tereziya, uguhimbaza uwo musi mukuru ni akaryo ko kwibukanya
ibanga batoranye, bagasubira kwiyumva, bakivugurura, na ho Furera Laurent akaba
ashimira imiryango yabibarutse, kuko ngo ari yo yogi ry'abihebera Imana.
Eric Nduwindavyi, Paruwase Bukeye
Aleluya,
aleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera
ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Matayo (18, 15-20)
Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye
Muri irya misi,
Yezu
yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe
n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke
babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu.
Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango,
uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi: abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo.»