
Ku
wa Gatandatu igenekerezo rya 07 Ruhuhuma 2026 ni ho abana bavyiteguriye neza bo
muri Paruwase Umuvyeyi w’ikigongwe yo mu Kanyosha baronswa isakramentu ry'Ukaristiya
mu rusangi rwa mbere. Abaronkejwe iryo sakramentu bose hamwe bangana 455.

Umugirwa wo kuronsa abo bana iryo sakramentu watangujwe n'inkuka y'imisa yatanguriye ku rugendo ikaba yatanguye igihe c'isaha zine zo mugitondo mu nkuka y’imisa yari irongowe na Patiri mukuru, Patiri Ferdinand Nduwimana.
Uwo musaserdoti yafatikanije n'abo basangiye umubano wa paruwase, kumwe n'abandi basaseredoti bari baje bava ku yandi ma
paruwase baje gushigikira bamwe muri abo bana bagira baronswe iryo Sakramentu.

Patiri Ferdinand Nduwimana yaribukije abo bana bagira baronswe isakramentu ry'Ukaristiya ico ari ico Ukristiya, ko ari imfungurwa y'ubuzima budahera ikomeza ku mutima.
Ikindi,
Ukaristiya ngo ni ikimenyetso c'urukukundo rw'Imana, yo yakunze abayo kuva
ikibarema, ikabereka ko ibafitiye impuhwe mu bihe bigoye bagenda bacamwo.
Uwo
musaserdoti akaba yarakebuye abo bana ko imbere yo kwakira Ukaristiya bazohora
babanza kwitegura biciye mu kuronswa isakramentu ry'ikigongwe, nka kuriya kw'umuntu
iyo agira afungure abanza gukaraba imicafu.

Inyuma
y'inkuka y'imisa twaregereye bamwe mu bana baronkejwe iryo isakramentu, baratwiganira
uko biyumva; batumenyesheje ko biyumva neza cane kuba baronse Yezu ubwa mbere
mu buzima bwabo muri iryo sakramentu.
Bakaba
batumirira abandi bana ko bosaba abavyeyi babo kubandikisha bakazokwirikirana
inyigisho zibafasha kwitegurira kwakira urusangi rwa mbere, kuko ngo uwakiriye
Yezu mu buzima bwiwe aheza akamukomeza.
Aleluya, aleluya.Uwunkuririra ntazogendera mu mwijima, azoronka riho umuco w’ubuzima. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12, 24-26)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, nayo rupfuye rwera vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba ariko arabutakaza, nayo uwanka ubuzima bwiwe kuri iyi si aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera n’ankurikire; bitayeko aho ndi, ni ho n’uwunkorera azoba. Uwunkorera Dawe azomutera iteka.»