
Kuri
uyu wa Gatatu igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2026, muri Ekleziya Katolika bari
baramutse bahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abarwaye. Ni umusi udasanzwe ku
barangurira ubutumwa mu gisata ca Caritas, bari kumwe n’indemesha z’abarwayi be
n'abari mu mibano mito mito.

Ku
rwego rwa Paruwase yitiriwe Umweranda Guido Maria Conforti yo mu Kamenge, na ho
nyene uwo musi wahimbarijwe, aho hakozwe igikorwa kidasanzwe co kuvuza bababaye
gusumba abandi mu barwaye bari mu mibano mito mito, abakuze eka mbere n'abana,
batowe ku mashure yose akukira Paruwase Kamenge.
Mu
buryo bw’uguhimbaza icese uwo musi, igikorwa co kuremesha abarwayi cabereye kw'ivuriro
rito ryo mu Mirango (centre de santé Mirango) riri kw'ibarabaraba rya 11, aho
bita kwa Buyengero.
Ico
gikorwa catanguye mu gatondo ka kare, aho umurongoye umugwi wa Caritas muri
Paruwase Kamenge, Jean Marie Ndarurinze, ari kumwe n'abo bafashanya ubwo
butumwa, kumwe n'abarongoye imibano muri Paruwase Kamenge, baraba ko abarwaye bafise
bose bashitse.

Ivyo
biheze haciye hakurikira ugushikiriza uwurongoye iryo vuriro imfashanyo bari
bibangikanije, kugira ngo babihereze abarwayi bivanye n’ivyo umwe wese akeneye,
nk'imiti, impanuro, n'ibindi, hisunzwe indwara agwaye.
Inyuma
yo kuvuza abo barwayi no kubarihira imiti, haciye hahurikira kubashikiriza
imfashanyo igizwe n'ibiro 5 vy'ibiharage hamwe n'ibiro 2 vy'umuceri kuri umwe umwe
wese, bongera babipfuriza ko urukiza rw'Umukama rwobashikira.

Twobamenyesha
ko abarwayi bagiriwe ubwo bufasha ari abatororokanijwe mu mibano itandukanye yo
ku mashure tabariro agize iyo Paruwase ya Kamenge ari yo Nyambuye, Gishingano, Winterekwa,
Muyaga na Nyabagere.
Sapius
Kubwayo, Paruwase Kamenge
Aleluya, aleluya.Uwunkuririra ntazogendera mu mwijima, azoronka riho umuco w’ubuzima. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12, 24-26)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, nayo rupfuye rwera vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba ariko arabutakaza, nayo uwanka ubuzima bwiwe kuri iyi si aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera n’ankurikire; bitayeko aho ndi, ni ho n’uwunkorera azoba. Uwunkorera Dawe azomutera iteka.»