
Kuri
uyu wa Gatatu igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2026, muri Ekleziya Katolika bari
baramutse bahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abarwaye. Ni umusi udasanzwe ku
barangurira ubutumwa mu gisata ca Caritas, bari kumwe n’indemesha z’abarwayi be
n'abari mu mibano mito mito.

Ku
rwego rwa Paruwase yitiriwe Umweranda Guido Maria Conforti yo mu Kamenge, na ho
nyene uwo musi wahimbarijwe, aho hakozwe igikorwa kidasanzwe co kuvuza bababaye
gusumba abandi mu barwaye bari mu mibano mito mito, abakuze eka mbere n'abana,
batowe ku mashure yose akukira Paruwase Kamenge.
Mu
buryo bw’uguhimbaza icese uwo musi, igikorwa co kuremesha abarwayi cabereye kw'ivuriro
rito ryo mu Mirango (centre de santé Mirango) riri kw'ibarabaraba rya 11, aho
bita kwa Buyengero.
Ico
gikorwa catanguye mu gatondo ka kare, aho umurongoye umugwi wa Caritas muri
Paruwase Kamenge, Jean Marie Ndarurinze, ari kumwe n'abo bafashanya ubwo
butumwa, kumwe n'abarongoye imibano muri Paruwase Kamenge, baraba ko abarwaye bafise
bose bashitse.

Ivyo
biheze haciye hakurikira ugushikiriza uwurongoye iryo vuriro imfashanyo bari
bibangikanije, kugira ngo babihereze abarwayi bivanye n’ivyo umwe wese akeneye,
nk'imiti, impanuro, n'ibindi, hisunzwe indwara agwaye.
Inyuma
yo kuvuza abo barwayi no kubarihira imiti, haciye hahurikira kubashikiriza
imfashanyo igizwe n'ibiro 5 vy'ibiharage hamwe n'ibiro 2 vy'umuceri kuri umwe umwe
wese, bongera babipfuriza ko urukiza rw'Umukama rwobashikira.

Twobamenyesha
ko abarwayi bagiriwe ubwo bufasha ari abatororokanijwe mu mibano itandukanye yo
ku mashure tabariro agize iyo Paruwase ya Kamenge ari yo Nyambuye, Gishingano, Winterekwa,
Muyaga na Nyabagere.
Sapius
Kubwayo, Paruwase Kamenge
Aleluya, aleluya.
Umukiza wacu Yezu Kristu yaratsinze urupfu;
yarabonesheje ubuzima n’umuco,
mu kudushikiriza Inkuru nziza.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 15-26)
Muri irya misi, Yezu yari yirukanye ishetani ngo ive mu muntu w’ikiragi. Mugabo bamwe mu bari aho bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.» Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: «Twereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani kubwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute?
Ngasangwa nanje nirukana amashetani kubwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha
iki? Ni co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ngasangwa nirukana
amashetani ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
Iyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, akararira urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye agaca abitanga.
Uwo tudashize hamwe aranyaka, uwo twimburira kubiri arasesagura.
Iyo shetani y’ibiterasoni ivuye mu muntu, irayerera mu bunoge, irondera aho yoruhukira, ariko ntihabone. Iraheza rero ikavuga iti: Nza kwisubirira mu nzu yanje navuyemwo. Igarutse, isanga ata nkomakomyi, isukuye kandi isikuye. Ikagenda noneho kuzana ibindi bishetani indwi biyisumwa ububi; vyinjiye bikayigumanamwo, maze bikunyuka, ububi wa muntu bukaruta ubwa mbere.»