
Ku wa Gatatu igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2026, ku musi mpuzamakungu wahariwe abarwaye, kuri uwo musi nyene muri Paruwase yitiriwe Umweranda Guido Maria Conforti yo mu Kamenge haraherejwe inkuka y'imisa yo gukira no kubohoka yaherejwe na Patiri Jean Bosco Nsengiyumva asanzwe arangurira ubutumwa muri Paruwase Mutima w'ubwitonzi. Akanyamuneza gakomoka ku rukiza rwa Yezu Kristu kakaba ari ko karanga umuryango w'abakristu bo muri iyo paruwase.
Uwo musaserdoti yatumiriye
abakristu kuba abasubiza umutima abo wavunitse mu kumenyesha Inkuru Nziza aboro,
mu kuremesha abarwaye be no mu kubagarukanira umwizero w'Umukama, abihebuye na
bo bakabamenyesha ibohorwa ryabo, kuko ngo Kristu ari muzima kandi yipfuza
kubagirira ubuntu n'ikigongwe.

Imbere y’umwanya wo gukenguruka, umusaserdoti yaciye ashira isakramentu ryeranda mu kibonesherezo abantu na bo
baraheza batangura gusenga Umukama Yezu, bongera bamusaba ivyo bipfuza ko
yobakorera.
Bahejeje, Umukama mu kibonesherezo
yaciye atangura gutemberezwa mu gihugu ciwe aho yagenda arakiza abarwaye. Hanyuma
ahejeje, baca baramukengurukira cane ku vyiza yabakoreye mu kubakiza.
Abari bumva ko bakize baciye
baronka n'akaryo ko gutera intambwe baza imbere kumushingira intahe, ariko
kubera ko bari benshi, umusaserdoti yaciye abasaba ko bozohora baja mu
gisabisho co kuninahaza Imana, kugira ngo bamushingire intahe neza bisanzuye.

Bahejeje baciye batamba baratarika,
bamwe bavuna ihunja abandi isambwe, kuko bari buzuye akanyamuneza. Mu gusozera,
umusaserdoti araheza abashikiriza umuhezagiro w'Imana, baca bataha bishongora
mu kwivuga amazina bivuga uwabagabiye.
Mireine Nkurunziza, Paruwase
Kamenge
Aleluya, aleluya.
Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose;
ni ryo jambo ry’Inkuru nziza twabwiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 39-42)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe abagereraniriza ati: «Mbega, impumyi yoshobora kwereka iyindi inzira? Ntizogwa zompi mu manga? Nta mwigishwa aruta umwigisha; ariko umwigishwa nyawe wese, azomera nk’umwigisha wiwe.
Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu
ryawe? Kibure, bishoboka bite ko ubwira mwenewanyu uti: Mugenzi, hinge
ndagutosore akatsi kari mu jisho ryawe, wewe utabona urugiga ruri mu jisho
ryawe? Wa mwangushi we, banza ukure urugiga ruri mu ryawe, hanyuma ubone gukura
akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu.»