
Bavukanyi, kuva ku wa gatatu w’iminyota igenekerezo rya 18
Ruhuhuma 2026, twaratanguye rwa rugendo rw’ikarema ngo twitegurire umusi mukuru
wa Pasika. Muri iyi karema rero twige guitamwo ibisumba ibindi, cane cane mu kuvavanura
n’ivyo twahoramwo bidahimbaye.
Abantu batari bake dusanganywe umurengera w’ibikorwa
n’imyitwarariko. Twikebuke ntitubone ikarema nk’umuzigo wiyongereye mu yindi
dusanganywe, ahubwo tuyifate nk’igihe co kubohoka, co gutekana, co gusubira ku
murongo, kuzirikana ibitegerezwa kuja imbere y’ibindi mu buzima.
Mu migenzo yacu, hari ivyo tubamwo mu
kamenyero, bigahava bikazingamika umwidegemvyo wacu: hari ababaye abaja b’imboneshakure
(televiziyo), b’imashini nyabwonko (zo kwandika mu buhinga bwa none),
b’amatelefone, b’inzoga… ! Mu miryango imwe imwe, nta mwanya w’ikiyago
ukibaho.
Twisuzume dusubire mu mwitwarariko w’ibikenewe gusumba
ibindi. Urukundo n’ubuntu nibibanze bikomere, kugira ngo ivy’Imana bironke
ishingiro. Twame tuzirikana iri jambo Imana yabwiye Yezu ngo: «Uri umwananje
nkunda cane, muri wewe nahasanze ibinezereza.» Iryo jambo natwe tworigira
rwacu. Riraturaba. Natwe turi abana b’Imana.
Muri iyi karema, dufate akanya tuzirikane neza dutekanye,
tuje ahiherereye mu bugaragwa, dushobore gutahura no kuzirikana neza ico
bisigura kuba umwana w’Imana. Tuzirikane ingene turi abana b’Imana ikunda cane.
Ikarema idutumirira gusubira mu buzima bwacu, tukihweza ingene urugendo
rw’ubuzima turimwo rwifashe, turabe iyo turiko turava n’aho turiko turaja, n’aho
tugeze, n’ico turiko turarondera.
Bavukanyi, turazi neza ko imitima yacu ihurumbira
vyinshi. Urugendo turimwo ntirwama rutworohera; turategwa n’imitego, turahura
n’ibitubabaza, aho twashaka gushika haratunanira… !
Ikarema idutumirira gusubiza amaso inyuma, tukagerageza
kwigobotora ivyo vyose biguma bituboheye mu vyo turimwo, ivyatubabaje canke
vyatunaniye gushikako.
Tugumane umwizero w’uko aho twimirije ari heza, ko
tuzoteba tugashikira isi itembamwo amata n’ubuki, aho tuzonywana bunywane
n’Imana n’abantu bose.
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.