Kanyosha: kw’ishure ryitiriwe «umubano mwiza», abaronse impapuro z’umutsindo bahamagariwe kunonosora ubundi bumenyi
Itariki: 12/03/2026Ababisomye 2486 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Mu gihe abarenga 130 bamenye ikibazo ca Leta gitanga uburenganzira bwo kubandanya ivyigwa muri Kaminuza, Patiri Lambert Nishimagizwe yabahamagariye kubandanya bungura ubumenyi no kugendera ubuntu n’indero rukristu bamanye

Imikangara irenga 130 yo kw’ishure «Ishure ryisumbuye ryitiriwe umubano mwiza», ryo mu Kanyosha yararonse impapuro z’umutsindo ku musi wa gatanu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2026. Ibirori vyatanguriye ku nkuka y’imisa yo gukengurukira Imana yari irongowe na Patiri Lambert Nishimagizwe, umwe mu basaseredoti barangurira ubutumwa muri Paruwase kanyosha akaba mbere n’umurezi kuri iryo shure, iruhande yo kuba umwibutsamana mu mashure akukira Ekleziya Katolika ari ku butaka bwa Paruwase Muvyeyi w’ikigongwe yo mu Kanyosha.

Imikangara yaraye ironse impapuro z’umutsindo ni abanyeshure barangije umwaka w’ishure w’2024-2025 mu bisata bitatu: igisata c’indimi, igisata c’imibano n’igisata c’ubushakashatsi.


Patiri Lambert Nishimagizwe yarakeje iyo mikangara kuri iyo ntambwe bari bagezeko inyuma y’uburuhe n’amajoro menshi baraye bariko banigana n’ivyigwa. Yabahamagariye guhimbarirwa iryo teka Imana ibateye, yongera abasaba kuyikengurukira no gukengurukira abavyeyi n’abarezi baterereye muri urwo rugendo rutari ruto bagize.

Mu gihe abarenga 130 bamenye ikibazo gitanga uburenganzira bwo kubandanya ivyigwa muri Kaminuza, Patiri Lambert Nishimagizwe yabahamagariye kutagarukirize ngaho, ahubwo bakabandanya bungura ubumenyi, kuko ngo ibisigaye ari vyo vyinshi. Ikindi yabasavye ni ukugendera ubuntu n’indero rukristu bamanye, na cane cane mu kwigenza neza, mu kwubaha Imana n’abantu, mu kubaha amabwirizwa y’Ekleziya n’ay’igihugu.


Inyuma y’iyo nkuka y’imisa, haciye hakurikira itangwa ry’impapuro z’umutsindo mu nzu y’imisi mikuru ya Paruwase Kanyosha. Ivyo birori vyari vyatewe iteka na patiri mukuru wa Paruwase, Patiri Ferdinand Nduwimana, ari kumwe patiri Lambert Nishimagizwe, umwibutsamana w’amashure akukira Ekleziya muri iyo Paruwase, na Patiri Audace, be n’umukuru wa komite y’abavyeyi barereye kuri iryo shure, Déogratias Ninyibuka, n’umugenduzi w’amashure muri komine Mugere.

Umuyobozi w’ishure, umupfasoni Denise Karagira, mw’ijambo yashikirije, yarakeje iyo mikangara, aboneraho kubahamagarira kubandanya amashure muri Kaminuza no kubandanya barangwa n’indero nziza baronse.

Abo baronse izo mpapuro z’umutsindo baserukiwe n’umwigeme Marie Louange Maribayimana. Kw’izina rya bagenzi biwe yarakengurukiye abavyeyi babibarutse, abarezi  babashikanye kuri iyo ntambwe bateye, be na paruwase Kanyosha yabahaye iryo shure ryiza kandi yama ibaba hafi mu nyigisho ndoramana no mu kubasabira.


Tubibutse ko «Ishure ryisumbuye ryitiriwe umubano mwiza», ryo mu Kanyosha ari rimwe mu mashure akukira Ekleziya Katolika ari muri Paruwase Kanyosha ryakiriye abanyeshure ba mbere mu mwaka w’2004-2005 aho ryatanguranye abanyeshure n’abo mu mwaka w’indwi n’abo mu mwaka w’icumi na rimwe.

Iryo shure ryubatswe na patiri Arconada German Van Del, umumisiyonari yavukiye mu gihugu ca Espagne, akaba yabaye mu Burundi kuva mu mwaka w’1964 (ubu yararengutse i Bukama). Mu myaka ishika mirongo itanu yamaze mu gihugu c’Uburundi akaba yarateje imbere abantu mu kwubaka amavuriro, amashure hamwe n’iyindi migambi y’iterambere.

Izina «Ishure ryisumbuye ryitiriwe umubano mwiza», uwo musaserdoti yarihisemwo kubera ko yashaka kunywanisha abanyakanyosha, ubona ko hari hahitiye amagume, abari badasangiye ubwoko batasiba kwicana. Mu gihe iryo shure ryatanguranye abanyeshure 240, ubu rigeze ku barenga 1200.

Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha

Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.

Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,

ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Matayo (18, 15-20)

Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye

Muri irya misi,

Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango, uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.

Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi: abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi)   7h00 (en Kirundi) 8h15 (en Français)   10h00 (en Kirundi)   12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi) 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
C. Confession
Mardi à vendredi: après la messe matinale
Mardi et Jeudi : 16h00 à 17h30 (avant la messe)
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
Chapelle Busoro: 9h00
B. Adoration
Du lundi au vendredi: de 7h00 à 19h00
Samedi: de 7h00 à 13h00
Dimanche: de 13h00 à 16h00
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 7h30 (en Kirundi), 09h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GAHAHE
4. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
5. PAROISSE KAMENGE
Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h15 (Kiswahili),11h00,16h30
Succursale Nyabagere : 6h00, 8h00, 10h00
Succursale Muyaga: 8h00, 10h00
Succursale Winterekwa: 8h00, 10h00
Succursale Gishingano : 8h00, 10h00
Succursale Nyambuye: 8h00, 10h00
Adoration à la Paroisse
Mardi et Jeudi: de 7h00 à 18h00
6. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
7. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h30
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : de 15h00 à 16h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
5.PAROISSE GATABO
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Le premier jeudi du mois, toute la journée
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 193
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI