
Ku wa kabiri igenekerezo rya 3 Ntwarante 2026, muri Paruwase yitiriwe Umweranda Guido Maria Conforti yo mu Kamenge hari hagorobeje haba inyigisho ku mibano mito mito rukristu yo ku gasengero kari ku mutumba wa Mirango, inyigisho zo kunagura iyo mibano.
Izo nyigisho zabaye kuva kw'isaha icumi z'umuhingamo (16h00), zifatiye kw'ijambo ry'urufatiro rivuga riti: «Umuryango wa mbere w'abemera umaze kuvuka bakiri bake cane, uko bahora bakora». Zatanzwe na Patiri mukuru wa Paruwase Patiri Philbert Ntahimpera.

Patiri mukuru yabwiye abari aho ko umubano rukristu ari ubundi buryo bwo kumenyesha Inkuru Nziza. Yabanje kwibutsa amamuko y’ivy’imibano rukristu, ko ari muri Amerika y'epfo, aho usanga Paruwase imwe ingana n’Uburundi, umusaserdoti bikamugora ingene atunganya paruwase canke ngo ayigendere yose ayimare. Ngo ni kwo guca biyumvira ubu bundi buryo bwo gusenga, ari bwo bwitwa «imibano rukristu». Mu Burundi na ho ngo ivy’imibano rukristu vyahashitse mu mwaka w’1926.
Ku
bwa Patiri mukuru wa Paruwase Kamenge, imibano rukristu irafasha gutegera ubutumwa abakristu bafise muri Ekleziya, igafasha kandi kunywana vy'ukuri kw’abasangiye
ukwemera mu gukura abakristu mu kivunga ikabashira aho bashobora gutegera neza
no kunoganza Ijambo ry'Imana.

Patiri
Philbert Ntahimpera yarangije akebura abantu ko umubano ugizwe n'abantu babana
hafi na hafi, ku buryo umwe agize ikibazo, bagenzi biwe babwirizwa kunyaruka
kuhashika n’ingoga.
Médiatrice
Manirakiza, Paruwase Kamenge
Aleluya.
Kristu yavuye mu cobo,
We bari babamvye ku musaraba.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 12-15)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye,
ariko ubu ntimwoshobora kuvvakira. Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka
ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko
ababarire ibizoza. Aho nyene ni Jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye
iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje. Ni co gituma navuze nti: Ivyo azoba
akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.»