
Ibibazo bitatu ni vyo vyabereye Patiri Janvier Nizigiyimana imbarutso y’ukwandika ibikino-kiyago vyo gukeburana yegeranirije mu nyandiko yiwe «Ukuri gushirira mu kuyaga (ibikino)» canke «La vérité se manifeste à travers le dialogue».
Patiri Janvier Nizigiyimana avuga ko ibikino-kiyago bene ivyo ari uburyo bushobora kwegeranya abantu bakayaga kuri ivyo bibazo mu mvugo yo gutwenza bafise n’umwizero wo kwumvikana.Ikibazo ca mbere cakorewe
ibi bikino cerekeye amahoro yagiye arahungabana kubera ukutamenya canke
ukwikunda: abarundi barabaye mu mutekano muke imyaka myinshi n’aho haja
haracamwo agahengwe. Kandi si Uburundi gusa, nta muntu yokwigira sindabibazwa
mu kuyarondera mu buryo bwose ashobora gushikira.
Ico kibazo c’amahoro ni co
catwaye umwanya munini (ibikino bine kuri bitandatu). Gusoma canke kurorera
igikino rero biratuma umuntu amenya
ukuri mu mwanya atuje. Biri mu bigarukana amahoro n’umutekano.
Ikibazo ca kabiri cahanze
isi umwanya muremure kandi kikiriko, ni ikiza ca Sida. Bacise Ruhonyanganda.
None ibikino bifasha gukura ururimi mu kanwa ngo «Ha guhora wohogomboka», ukarwanya
ibiiza bigeramiye abantu.
Ubu hoho hagiyemwo ibindi
biiza nka Covid iguma ihinduka n’indwara z’ibihara zitera ubwoba abantu
zikababuza kuramukanya uko bahora,
imigenderanire igahungabana, umuntu ukamubona nk’inkwezi y’urupfu.
Ikibazo ca gatatu cerekana
uruhara rw’imico n’imigenzo mu Burundi. Aho tugeze ni heza kumbure ntawosubira
inyuma, ariko tuhageze twarabaye mu bindi kandi vyarakujije abavyeyi bacu.
Ntawovyiyobagiza rero, bigize ubuzima.
Ese ingene vyoroshe kandi bihambaye kuyagira no guhanurana «mu bikino». Bisubiye n’amajambo agoye kuvuga mu bihe bisanzwe, ibikino birayashikiriza mu kujajura, kuko burya «ukuri gushirira mu kuyaga», ibikino na vyo bikaba ari akaryo ko kunywanisha imigenzo mu kujajura.
Mushobora kwisomera ivy’ibi bikino mu gufyonga ngaha: icegeranyo c’ibikino-kiyago vyo gukeburanaAleluya.
Kristu yavuye mu cobo,
We bari babamvye ku musaraba.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 12-15)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye,
ariko ubu ntimwoshobora kuvvakira. Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka
ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko
ababarire ibizoza. Aho nyene ni Jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye
iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje. Ni co gituma navuze nti: Ivyo azoba
akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.»