
Ku kamenyero keza ka Paruwase Kanyosha na Ekleziya muri rusangi ko guhimbaza indwi y’urukundo n’ukubabarana buri mwaka mu gihe ceranda c’ikarema, uyu mwaka iyo ndwi yahimbajwe mu buryo bwihariye mu Kanyosha, kuko ku wa Gatandatu igenekerezo rya 14 Ntwarante 2026, mu gihe Ekleziya yariko irasozera indwi y’urukundo, ishirahamwe APRODEM-Girizina ryitaho ineza y’ibibondo n’abadandaza bato bato ryaje kwifatikanya n’iyo Paruwase mu gushikiriza ibahasha abantu b’amikoro make basanzwe biyungunganya mu gukora urudandazwa ruto ruto, kugira ngo risahirize imitahe yabo, yisununure.
Ico gikorwa catanguye ku gihe c'isaha zitanu n'iminota mirongo itatu (11h30). Iyo mitahe yaronkejwe abantu mirongo ibiri na batanu mu basanzwe bari ku rutonde rw'ab'amikoro make bafashwa na Paruwase Kanyosha. Abatowe mu bandi ni abasanzwe barangura urudandazwa bifashishije imitahe mito mito, bakaba bararonkejwe amafranga yo kubunganira mu kubadugiriza imitahe yo kudandaza.

Salvator Ndabazerutse yasavye
abo baronkejwe iyo mfashanyo ko boja hamwe bakagira amashirahamwe bisunze amakaritiye
bavamwo, mbere ico gikorwa bakaba baciye
bakirangura mu kuvuganira mu migwi, gutyo baca bavaho biyemeje ko bagiye
gukorera hamwe mu guhana ibirimba mu ntumbero yo kwunganirana mu kuduza gose
imitahe.
Uwo yari ahagarariye
ishirahamwe APRODEM-Girizina yagize ati: «Nk'uko mu gihe c'ikarema Ekleziya
ihamagarira abakristu gusenga, kwisonzesha no gusangira, twashimye gusangira
n'ab'amikoro make ngo baronke ubushobozi bwo gukora, gutyo n'abana bava muri
iyo miryango, agateka kabo kubahirizwe mu gushobora kuronka ico
bafungura, amakaye yo kuja kw'ishure, kwivuza, ndetse no kuronka impuzu
bambara.»
Na Patiri mukuru wa Paruwase Kanyosha, Patiri Ferdinand Nduwimana yarakengurutse ico gikorwa aho yagize ati: «Imana ikunda abantu bose ata n'umwe avuyemwo, nkako kuba uw'amikoro make ntawubihitamwo, yagiriweko ashimira abitangiye ico gikorwa kuba batumbereye muri Paruwase Kanyosha».

Aboronkejwe iyo mitahe,
barakengurutse ico gikorwa, aho bamenyesheje ko ngo cabahaye umwizero ko bagiye kwongereza ubushobozi bwo gukora ngo baramire imiryango
yabo.
Twobamenyesha ko abaronkejwe
imitahe batabaye abasanzwe basengera muri Ekleziya Katolika gusa, kuko habayemwo n'abasengera mu
yandi madini.
Diomède Nyandwi, Paruwase
Kanyosha
Aleluya, aleluya.
Amajambo yawe, Mukama, aduha umutima n'ubuzima,
kuko ari Wewe ufise amajambo y'ubuzima budahera.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Luka (7, 31-35)
Muri irya misi, Yezu yabariye ishengero ry'Abayuda ati: «Mbe abantu ba none nobagereranya na nde? Basa na nde? Basa n'abantu bicaye ku nama bagahamagarana bakabwirana bati: Twabavugirije umwironge ntimwatamba; twakomye induru ntimwarira. Raba, Yohani Batista yaje ata mukate arya, ata mvinyu anywa; none muvuga muti: arimwo ishetani. Umwana w'umuntu yaje arya, anywa; none muvuga muti: Ni umuryi wa cane, ni umunywi w'imvinyu, ni umukunzi w'abatozakori n'abanyabicumuro. Ariko, Ubwitonzi bwerekanywe n'abana babwo bose.»