
Ibikorwa
vy'urwubako rw'ingoro y'Imana nshasha ya Paruwase Buterere bishitse ku ntambwe
ishimishije, kuko gushika ubu bisa n'ibiri ku musozo, ku rugero rwa 88% ufatiye
ku bisigaye. Ivyo ni ivyamenyeshejwe n’umushingantahe Céléus Hakizimana ajejwe
ivy'inyubako muri Paruwase akaba no mu nama ntunganyabutunzi ya Paruwase, aho
umugwi ujejwe amakuru muri Paruwase wari uramutse uja kwirabira ukuntu ivyo
bikorwa biriko biragenda, ku wa gatanu igenekerezo rya 20 Ntwarante 2026.
Ni mu gihe hariko hategurwa Harambe bise «Spécial Pâque», yo kurondera uburyo bungana n'imilliyoni 180 z'amafaranga y'amarundi (180.000.000 FBU) yo guheraheza iyo nyubakwa. Hakaba hariko haterezwa incuti n'abagenzi kugira isango ya 23 Rusama 2026 bizokunde yinjirwe, na Nyenicubahiro Musenyeri Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura akaba yaremeye ko kuri iyo sango azoza kuyihezagira.

Tubamenyeshe
ko umugambi wo kwubaka ingoro y'Imana mu buryo bwa none bugeretse (en étages) watanguye
gushirwa mu ngiro kuva ku wa 23 Munyonyo 2023. Ni ho hatangura ibikorwa vyo
gusambura Ingoro y'Imana yari ihari ico gihe, no kwubaka ingoro y'Imana nshasha
y’Imana ya Paruwasi, bikaba vyakorwa n'abakristu ubwabo.
Iyo
ngoro y'Imana iri mu rukurikirane rw'izindi ngoro z'Imana abakristu bagiye
barasengeramwo kuva Paruwase Buterere ikiri ishure tabariro gushika ishike ku
rugero rwa Paruwase.
Ingoro
y'Imana ya mbere cari igiti, aho basengera munsi yaco, hakurikira iyubakishijwe
ibiti, mu nyuma iy’amatafari y'ivyondo, hanyuma amatafari aturiye, gushika ubu rero
yubatswe mu buryo bwa none (en étages), ari yo igiye kuzokwinjirwa ku wa 23
Rusama 2026.

Abanyamuryango
wa Paruwase Buterere bakaba batera akamo incuti n’abagenzi, aba hafi n'abari
kure, gushigikira ivyo bikorwa vy'Umukama ariko yikorera muri iyo Paruwase yitiriwe
Yohani Pawulo wa II, aciye ku bana bayo.
Claude
Nsengiyumva, Buterere
Aleluya.
Kristu yavuye mu cobo,
We bari babamvye ku musaraba.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 12-15)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye,
ariko ubu ntimwoshobora kuvvakira. Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka
ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko
ababarire ibizoza. Aho nyene ni Jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye
iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje. Ni co gituma navuze nti: Ivyo azoba
akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.»