
Ku wa kane igenekerezo rya 19 Ntwarante 2026, ku gihe c’isaha icumi n’imwe z’umugoroba (17h00), Paruwase Mikaheli mweranda yagorobeje mu kanyamuneza ko kwinjira inyubakwa y’ubutumwa bw’imihari n’imigwi, mu birori vyari bihagarariwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, iyo nyubakwa ikaba yaritiriwe abamalayika bakuru («Centre des Archanges») mu gifaransa, yongera irangizwa Yozefu mweranda ngo ayibere umuvunyi.
Uwo
Mwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yari kumwe n’Umwepiskopi Mukuru
w’inarabibonye w’iyo Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, kumwe
n’icariho c’Umwepiskopi Mukuru, Musenyeri Anatole Ruberinyange, be na Patiri
Mukuru wa Paruwase Mikaheli Mweranda, Patiri Thomas Niragira, n’abandi
basaserdoti n’abatumire b’iteka batandukanye bari baje gutera iteka ivyo birori.

Inkuka
y’imisa y’umusi mukuru wa Yozefu Mweranda mw’isengero ya paruwase be n’imigirwa
yo guhezagira iyo nyubakwa n’abazoyikoreramwo ubutumwa be no kubasabira ni vyo
vyaranze uwo mugoroba, bisozererwa ku kwinjira iyo nyubakwa no kuyigina.
Umwepiskopi
mukuru ahejeje guhezagira iyo nyubakwa, Patiri mukuru yaciye ayugurura, haca hakurikira
kuyihezagiza amazi ahezagiye mu guca mu birasi bigize iyo nyubakwa kuva hasi
gushika hejuru.

Amajambo
atandukanye yarashikirijwe mu ntumebero yo gukengurukira abakristu n’abakunzi
ba Paruwase Mikaheli Mweranda bitanze kuva umugambi uciyumvirwa gushika ushirwe
mu ngiro.
Musenyeri
Gervais Banshimiyubusa yarakengurukiye abantu b’umutima mwiza bitangira
Paruwase ku buryo buboneka, yongera arakeza abanyeparuwase ko ari abantu
bashoboye. Ibirori vyasozerewe ku gusangira neza ivyo Imana yabahaye.
Bodin
Fustel Akimana, Paruwase Mikaheli mweranda
Aleluya,
aleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera
ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Matayo (18, 15-20)
Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye
Muri irya misi,
Yezu
yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe
n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke
babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu.
Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango,
uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi: abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo.»