
Ku
musi w'Imana w'ibisandasanda, ku wa 29 Ntwarante 2026, abakristu ba paruwase
Munanira, nk'abandi bakristu bose b’abakatolika kw'isi yose, bari baramutse
bahimbaza idominika y’ibisandasanda, ni ukuvuga ukwigina Yezu Kristu yinjira
icese i Yeruzalemu nk'Umwami n'umukiza, be n’iy’ukubabara n’ugupfa kwiwe.
Abo
bakristu b’i Munanira barafashe ako karyo ngo basozera indwi y'urukundo mu
gushikana ivyegeranijwe muri iyo ndwi ngo bicishishwe mu ngoro y’Imana, mu
nkuka y’imisa ya kabiri, ngo bihezagirwe. Iyo nkuka y’imisa ikaba yaherejwe na Patiri
Alfred Nintasha.

Uwurongoye
igisata ca Caritas muri Paruwase Munanira, Viola Nduwimana, amenyesha ko uko
iyo ndwi y’urukundo yatunganije, ko habaye inama ku baserukira ico gisata kuva
mu mibano rukristu gushika ku rwego rwa paruwase, maze bagaheza bakegeraniriza
iyo mfashanyo mu mibano, ico gikorwa ngo kikaba camaze indwi yose, baraheza
babirungika ku mashure tabariro bakukira.
Mu
vyegeranijwe harimwo ibiribwa bidashoka bibora, hamwe n'amafaranga, nk’uko
bibandanya bimenyeshwa na Viola Nduwimana. Na ho ku kijanye n’ivyegeranijwe uko
bingana, avuga ko bataraheza kubitororokanya, ariko ko nk'intete z'ibigori, batazobura
nk’itoni nka zitatu.

Patiri
mukuru wa Paruwase Munanira, Patiri Innocent Bandyatuyaga, yabanje kwibutsa ko
indwi y'urukundo ari ikiringo Ekleziya iha abakristu ngo bashikane infashanyo yagenewe
gufasha abagowe, ayo maturo akegeranywa, akarungikwa kwa papa biciye mu gisata
ca Caritas.
Yabandanije
amenyesha ko muri Paruwase Munanira, ico kiringo camaze indwi zibiri, aho
ukristu wese yabatijwe yahawe ako karyo biciye mu mibano bitomito, mu mihari
n'imigwi ndetse no ku mashure akukira Ekleziya Katolika.
Abakristu
twagiye turaganira bavuga ko ata muntu afise umutima w'urukundo n'impuhwe
yoreka gufasha abagowe, mu gihe yoba afise n’ico yirengeje.
Ezéchiel
Nimbona, Paruwase Munanira
Aleluya.
Kristu yavuye mu cobo,
We bari babamvye ku musaraba.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 12-15)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye,
ariko ubu ntimwoshobora kuvvakira. Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka
ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko
ababarire ibizoza. Aho nyene ni Jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye
iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje. Ni co gituma navuze nti: Ivyo azoba
akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.»