
Ku
w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante 2026, wari umusi w'Umukama w’ibisandasanda,
ari wo musi w’ukubabara n’ugupfa kw’Umukama wacu Yezu Kristu. Mu guhimbaza uwo
musi, Paruwase Katedrale Regina Mundi ikaba yari yatewe iteka n’Umwepiscopi Mukuru
w’i Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, yarongoye inkuka
y’imisa yo kw’isaha zine, akikujwe n’abandi basaserdoti hamwe n’inshengero
ry'abakritsu baje guhimbaza uwo musi.
Uwo
Mwepiscopi Mukuru yahereye ku mugirwa wo guhezagira ibisandasanda imbere y’ingoro
y’Imana, aca atumirira abari aho kwinjira bigana rya shengero ryari ryaje
gutera impundu Yezu mu gufata urugendo mu mahoro, nk’uko vyari bihejeje
gushikirizwa mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Matayo (Mat.21,1-11)
iherekeza uwo mugirwa.

Mu
nsiguro y’Ijambo ry’Imana, Musenyeri Gerevazi
Banshimiyubusa yashimikiye ku Nkuru Nziza ya Matayo yerekana uguca bugufi
kw’Umukama Yezu Kristu. Yavuze ko bibonekera ku ngene atashimye kwakirwa nk’abandi
bami baza bicaye ku mafarasi, igitwazi c’abarwanyi cerekana umwami aje yitwaje
ububasha bwo gutsinda abansi akoresheje inguvu n’igikenyi. Ariko We ngo yaje
yiyicariye ku ndogobwe, igitwazi gitekanye, giciye bugufi, c’amahoro, kuko ngo yaje
nk’Umusuku w’Imana, ata kindi yizigiye atari Imana Se.
Yavuze
ati: «Yezu tubwirijwe kwitega no kwakira kw’ipasika si Yezu wo mu vyipfuzo, ni
Yezu yashimye kutwiyereka, Umwami yitonda, w’urukundo n’amahoro; ni Umwami
yemera no kubabara, ah’uko agira abo ababaza gushika n’aho yemera gupfa, ah’ukugira
uwo yica canke yicisha. Niturondere kumwigana mu buzima bwacu ngo tuberwe kuba
abana b’ubwo Bwami, tuberwe no kuba
abavukanyi ba Yezu.»
Yasavye
abakristu ko mu ndwi nyeranda, muri ka kanya ko kuzirikana, boja barazirikana
basubiramwo Inkuru Nziza ya Matayo ihera ku buhemu bwa Yuda igahereza
kw’ihambwa rya Yezu, bazirikana uko abigishwa ba Yezu bavyifashemwo
bikabananira no gufata agasaha kamwe gusa, baciye bisinzirira kandi bari bavuze
ko bomupfira.
Yarongeye
avuga ko iyo umuntu yatewe iteka ryo kuba hafi ya Yezu no kumugendanira nka
Yuda, iyo amuteye akagere, cane cane akurikirana inyungu zitanashemeye, abura
iyo aja n’iyo ava, kuko ngo yahemutse akikura ku Mana, agaheza akiyanka, akiyahura
yibaza ngo yigiriye neza, mugabo agasanga yigiriye nabi.
Yashimangiye
akebura abantu usanga bemera Imana hanyuma bakayihakana, ababwira ko batigaruye
hakiri kare bahakwa kuzoheza ubuzima bwabo nka Yuda. Ati: «Ariko ntimukamere
nka Yuda mufise abahanuzi; nimwigarure, musubire ku Mana, ni Munyakigongwe,
irabakira mwese; ntihagire uwihebura».

Umwepiskopi
Mukuru, yisunze Inkuru Nziza ya Matayo nyene, yarerekanye kandi ubube gito bwa
Pilato n’ububi bw’igicumuro yakoze co kwicisha Yezu kandi ari intungane: gukora
ikintu nkana. Ku bw’uwo Mwepiskopi Mukuru, iyo abantu badashingiye ku kuri,
ubutumgane n’urukundo, ngo usanga bava mu buja bumwe bakaja mu bundi, nk’uko
biri mu ntwaro zo kw’isi.
Na
ho abafise amabanga bajejwe mu gihugu bagashinga ingingo ziciye kubiri n’ukuri,
n’ubutungane, n’umwidegemvyo w’abantu, be n’abafata ingingo ziciye kubiri
n’urukundo, uwo Mwepiskopi Mukuru yavuze ko baba biteye kuzoba iciro ry’umugani,
nk’ukwo kwa Pilato.
Musenyeri
Gerevazi Banshimiyubusa akaba yatumiriye abakristu gusaba inema n’ubutwari vyo
guheba ikibi, ntibabe nka Yuda yahemutse canke nka Pilato yakoze ubube gito,
canke nk’ishengero ryaranzwe no kuba mahindagu mu kwemera. Uwo mwepiscopi yasozereye
asabira abakristu bose ngo Imana ibakize akabi kajana abandi ku musalaba ku bw’ukubabara
n’ugupfa kwa Yezu Kristu Mukiza.
Dora
Simbare, Paruwase Katedrale Regina Mundi
Aleluya, aleluya.
Imana ni yo yatumye abantu b’isi buzura na yo muri Kristu,
yongera idushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (7, 36-50)
Umusi umwe, umwe mu Bafarizayo arahamagara Yezu ngo aze amuzimane. Yezu araheza arinjira mu nzu iwe, aricara ngo afungure. Haza rero umugore yigenza nabi muri ico gisagara. Ngo amenye ko Yezu yatumiwe mu nzu y’Umufarizayo, arazana agacupa k’amavuta amota cane, aja inyuma yiwe hafi y’ibirenge vyiwe, ararira amutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza imishatsi yo ku mutwe wiwe, aza arabisoma yongera abisiga ya mavuta.
Wa Mufarizayo yamutumiye abibonye, yibwira ati: «Iyo uyu muntu aba yari
umuhanuzi, yari kumenya uyu mugore amukorako uwo ari we n’ukuntu agenze, ko ari
umucummuzi.» Yezu na we amubwira ati: «Simoni, hari ico ngomba kukubwira.» Na
we ati: «Yaga, Mukama.» Yezu aramwishura
ati: «Hari uwari afise abamufitiye imyenda babiri: umwe yari amufitiye
amadenariyo amajana atanu, uwundi mirongo itanu. Babuze ico bishura,
abarekurira bompi. None, muri bompi, uwuzomukunda kuruta uwundi ni nde?» Simoni
aramubwira ati: «Ngira ngo ni uwarekuriwe umwenda munini.» Yezu aramubwira ati:
«Waharashe!»
Ahindukiye araba wa mugore, abwira Simoni ati: «Uyu mugore uramubona?
Ninjiye mu nzu yawe, ntiwansuka amazi ku birenge; ariko we, kuva aho yinjiriye,
yabibombekesheje amosozi yiwe, abihanaguza imishatsi yiwe. Ntiwansomye, ariko
we, kuva aho yinjiriye, ntiyigeze ahengeshanya gusoma ibirenge vyanje. Umutwe
wanje ntiwawusize, ariko we, ibirenge vyanje yabisize amavuta amota neza. Ni co
gituma, ndabikubwiye, ibicumuro vyiwe vyinshi biragiriwe ikigongwe, kuko
yerekanye urukundo rwinshi, ariko uwo ba rekuriye bike yerekana urukundo ruke.»
Araheza abwira wa mugore ati: «Ibicumuro vyawe biragiriwe ikigongwe.» Abo bari kumwe ku meza batangura kwiyumvira bati: «Uyu muntu arekura ibicumuro ni umuntu nyabaki?» Yezu rero abwira nya mugore ati: «Ukwemera kwawe kwagukijije, genda amahoro.»