
Kuri uyu wa Gatatu wo mu ndwi nyeranda muri uyu mwaka w’2026, igenekerezo rya 01 Ndamukiza, ni umusi muri Ekleziya yo muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura bimenyerewe ko harangurwa imigirwa nyeranda y’ihezagirwa ry’amavuta meranda ya Krisma n'ayandi mavuta yose akoreshwa mu migirwa y’Ekleziya.
Kabaye
kandi n'akaryo ko gusubiramwo indagano z'ubusaserdoti busuku ku basaserdoti
bose ba Diyoseze n'abaharangurira ubutumwa, mu nkuka y’imisa yabereye muri
Paruwase mvyeyi ya Diyoseze, Paruwase Katedrale Regina Mundi. Iyo Diyoseze yari
yatewe iteka n’umuhagarikizi wa Papa mu Burundi, Nyenicubahiro Musenyeri
Dieudonné Datonou, ari kumwe n'umunyamabanga w'ubwo buserukizi.

Umwepiskopi Mukuru w’i Bujumbura yakeje yongera aratera intege abo basangiye ibanga ry’ubusaserdoti busuku bose, yongera abasaba kubandanya bitura Imana ngo ibateze imbere mu gukunda ibanga ryabo.
Mu basaserdoti yakeje harimwo abamaze
gukwiza imyaka 60 mw'ibanga ry'ubusaserdoti, vy'umwihariko Umwepiskopi Mukuru
w’inararibonye, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, kumwe na Patiri
Adriyano Ntabona batiriwe rimwe, be n'uwundi yimirije guhimbaza na we iyo myaka
muri uku kwezi nyene dutanguye, Patiri Pierre Sahabo.
Mu
gufasha abari aho kuzirikana kw’ibanga ry’ubusaserdoti busuku, Musenyeri
Gerevazi Banshimiyubusa yibukije ko mu kwigina ubwo busaserdoti, abasaserdoti
bahimbarwa ko Kristu yashimye kububasangiza na We, bamwe bose ku rugero rwabo
no ku muhamagaro wabo, kandi ko ari n’akaryo ko gukengurukira Imana ku
basaserdoti basuku ibandanya itorera igihugu cayo.

Yanibukije
kandi ko atari umusi w'ikirori, ahubwo ko wama ari umusi uhambaye muri
Ekleziya, haba ku bw'ibimenyetso biwuranga be n'ukuzirikana kw’ijambo ry’Imana
riwurongora.
Mu
gihe hari abasaserdoti bakejwe vy'umwihariko ku myaka bamaze muri iryo banga, mwomenya
ko hibutswe kandi vy'umwihariko n’umusaserdoti mugenzi wabo yaheruka
kubakurwamwo yitavye Umuremyi, umuhisi Patiri Amando Kana, yitavye Imana
kw'igenekerezo rya 30 Nzero 2026.
Michel
Nibitanga, CEDICOM
Aleluya.
Kristu yavuye mu cobo,
We bari babamvye ku musaraba.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 12-15)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye,
ariko ubu ntimwoshobora kuvvakira. Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka
ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko
ababarire ibizoza. Aho nyene ni Jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye
iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje. Ni co gituma navuze nti: Ivyo azoba
akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.»