
Nyenubweranda
Papa Léon-XIV, ku wa gatandatu mweranda igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2026,
yararungikiye Ekleziya y’i Bujumura ubutumwa bwo guhoza abakozweko n’isanganya
ryashikiye ububiko bw’ibisasu bwo mw’ikambi y’abasirikare yo ku Musaga i
Bujumbura buheruka gusha, ivyo bisasu bigaturika bigahitana ubuzima bw’abantu
n’ibintu, abandi bagakomereka.
Uwo Mwungere w’Ekleziya kw’isi yarungikiye Ekleziya y’i Bujumura ubwo butumwa inyuma y’aho amenyesherejwe n’ubuserukizi bwiwe ivyashikiye Uburundi vy’iturika ry’ivyo bisasu vyari mu bubiko muri iyo kambi ya gisirikare.
Nyenubweranda Papa yaciye yihuta kurungikira ubwo butumwa Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, ubutumwa bwanditswe n’Umunyamabanga wa Leta y’i Vatikano, Cardinal Pietro Parolin, bugashikirizwa Ekleziya y’i Bujumbura buciye ku buserukizi bwa Papa mu Burundi.Muri
ubwo butumwa bugufi bwasomwe n’uwo Mwepiskopi Mukuru w’i Bujumbura mu giteramo
ca Pasika cariko kirabera kuri Katédrale Regina Mundi, Umwungere w’Ekleziya
kw’isi yarahojeje imiryango yakozweko
n’iryo sanganya, yongera aramenyesha ukwifatanya mu kababaro no mu gisabisho
n’iyo miryango.
Nyenubweranda
Papa yamenyesheje ko asabira abahitanywe n’iryo sanganya ngo baruhukire mu
mahoro mu Mukama, abakomeretse na bo bareme, kandi umuco w’umwizero
ubarasireko.
Ubukandizi
bwiwe akaba yarabucishije ku Muvyeyi Bikira Mariya ngo abasabire ku Mwana wiwe
Kristu yazutse, akomeze kandi ahumurize abo bose bakozweko n’iryo sanganya,
kandi imihezagiro ya Mana Data ibashungurukireko.
Tubibutse
ko iryo sanganya ryabaye ku mugoroba usozera ukwezi kwa gatatu, ku wa kabiri
igenekerezo rya 31 Ntwarante 2026, ugahitana ubuzima bw’abantu n’ibintu
vyononekaye.
Michel
Nibitanga, CEDICOM
Aleluya.
Kristu yavuye mu cobo,
We bari babamvye ku musaraba.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 12-15)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye,
ariko ubu ntimwoshobora kuvvakira. Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka
ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko
ababarire ibizoza. Aho nyene ni Jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye
iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje. Ni co gituma navuze nti: Ivyo azoba
akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.»