
Kari
akanyamuneza kw’ishure ryitiriwe umweranda Ludoviko Mariya Grignion w’i Montfort
ryo mw’i Tenga (Montfort School Bujumbura), ku wa Gatandatu igenekerezo rya 02 Rusama
2026, aho iryo shure ryari riramutse rihimbaza umusi mukuru w’umuvunyi waryo,
uwo mweranda.

Ibirori
vyatanguriye ku nkuka y’imisa yo gushimira Imana, aho kabaye n’akaryo ko gusubiramwo
indagano ku bafurera barangurira ubutumwa kuri iryo shure, be no guhabwa
isakramentu ry’Ukaristiya mu rusangi rwa mbere ku bana biga kuri iryo shure
bari baramukanye urwo rubanza.
Ibindi
vyaranze ivyo birori ni ukwiginana kw’abagize umuryango w’iryo shure, aho hariho
n’abana berekanye imvyino n’utundi tugenegene twarimwo amajambo avuga ku buzima
bwaranze uwo muvunyi. Mu gusozera, abanyamurango w’iryo shure bakaba barasangiriye
hamwe akavunamusase kari kabonetse.

Umuyobozi
w’iryo shure, Furera Dieudonné Niyonkuru, amenyesha ko iryo shure, mu guhimbaza uwo musi mukuru, ari n'akaryo ko kwiyibutsa akarangamutima k’uwo muvunyi waryo, kuko bikomeza ingeso nziza abanyamuryango baryo bamwigiyeko.
Nk’abana
ngo babanza gusenga, imbere y’uko bakora ikintu ico ari co cose; ishure kandi
ngo riragaragaza umutima w’urukundo nk’uko uwo mutima w’urukundo ngo wigishwa
na Ludoviko Mariya Grignion w’i Montfort.
Aha
Furera Dieudonné Niyonkuru atanga uturorero tw’ibitari bike vyegeranijwe mu
ndwi y’urukundo vyashikanwe kuri Paruwase Kivoga-Tenga ngo bifashe abandi bana
bagowe, be n’ukuntu abana bafasha mu buzima busanzwe.
Abigisha-barezi
na bo, hejuru y’uwo mutima w’urukundo no gusenga, ngo ni na bo bagaruka
bakanawigisha abana, no gusonera ababasumba canke n’abo bangana, kuramukanya
bahuriye mu nzira, n’izindi ngeso nziza bakura kuri uwo muvunyi.

Mu
bisanzwe ishure ryitiriwe umweranda Ludoviko Mariya Grignion w’i Montfort ryo mw’i
Tenga rihimbaza umusi mukuru w’uwo muvunyi waryo buri mwaka kw’igenekerezo rya
28 Ndamukiza, ariko uno mwaka itariki yarahindutse, kubera ko iryo genekerezo ryahuriranye
n’umusi w’ibikorwa, na ho umuryango w’ishure ukaba washaka ko n’abavyeyi
baharereye bosangira akanyamuneza n’abanyamuryango bose b’iryo shure.
Thatien Gahungu, Paruwase Kivoga-Tenga
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.» Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»