
Ngaho muri Paruwase Kamenge, inkuka y’imisa yabereyemwo iryo rungikwa mu butumwa yatanguye ku gihe c’isaha zitanu (11h00), irongowe na Patiri Mukuru w’iyo Paruwase, Patiri Philbert Ntahimpera.

Uwo musaserdoti, yisunze ikete Nyenubweranda Papa Leon-XUV yanditse rijanye n’uwo musi mukuru, yambwiye abagize ico gisata muri iyo Paruwase ko mu kumenyesha amakuru bahamagariwe gutanga amakuru y’ukuri n’amashusho meza atuma izina rya Yezu rininahazwa, mu gufata amasanamu ngo bakabanza kuraba ko ayo masanamu atuma Umukama aninahazwa. Aca yongera abatumirira kuzofata akanya, iryo kete bakaryisomera, ngo ni ho boheza bagakora ubutumwa bwabo neza.
Ni muri iyo nkuka y’imisa nyene uwo musaserdoti yaciye
arungika mu butumwa abagize ico gisata co kumenyesha amakuru ku rwego rw'iyo
Paruwase ya Kamenge, bashasha barikumwe n’abari basanzwe bari muri ico gisata. 
Inkuka y’imisa irangiye, bakaba baciye babandanyiriza uwo
musi mukuru mu gatutu, mu nyubakwa y’akarorero y’iyo Paruwase, mu ntumbero yo
kwiginana no kwakira icese bashasha mu butumwa.
Twobamenyesha ko mu guhimbaza uwo musi mukuru, abari muri ico gisata bari baravyiteguriye cane, aho ku musi wa gatandatu bari babanje gukora igikorwa c’urukundo, mu bitaro vy’aho bita kwa Buyengero mu kuremesha abarwaye no kubashikiriza ivyo bari bagiye babagemuriye.
Pierre Nduwayezu, Paruwase Kamenge
Aleluya, aleluya.
Ese Imana, Yo Muvyeyi w’Umukama wacu Yezu Kristu
yomurikira imishaha
yacu,
kugira ngo
turimbure ukwizigira kumwe rudende
yaduhamagariye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (18, 15-20)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe n’umwe: agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugirwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye naho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango, uramuraba nk’umupagani canke nk’umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye:
ico muzoboha kw’isi cose kizoba
kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba
kibohowe no mw’ijuru.
Ndabibabwiye kandi:
abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose Dawe wo
mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye ku bw’izina ryanje,
mba ndi hagati yabo.»