Pentekoti izana amahoro mu mitima, mu ngo, mu gihugu, kuko amahoro ari yo Yezu Kristu yasigiye abigishwa biwe, kandi ari na ko yayahaye isi yose; ikibabaje ni uko ab'isi bobo, benshi ngo bayatanga mu kwegeza kure abo bita abansi babo (Patiri Janvier Nizigiyimana)
Umusi mukuru cane wa Pentekoti warahimbajwe muri Paruwase Katedrale Regina Mundi nk'ahandi hose muri Ekleziya Katorika, ku w'Imana igenekerezo rya 25 Rusama 2026, mu nkuka y'imisa yatanguye kw'isaha zine, Patiri Janvier Nizigiyimana akaba yaribukije ko uwo musi ukwiye gutuma abarundi batsimbataza ubumwe n'urukundo.
Uwo musaderdoti yatanze ubwo butumwa abanje kwibutsa ukuntu uwo musi mukuru uhambaye cane mu buzima bw'Ekleziya, kuko ngo kuri Pentekote ari ho Ekleziya yatangura, ngo hari haheze imisi mirongo itanu inyuma ya Pasika.Â
Pentekoti, ubumwe butegerezwa kuranga abakristu
Nk'uko Patiri Janvier Nizigiyimana yavyibukije mu nkuka y'imisa yahereje, Mutima Mweranda yaje asanga abatumwa biyugaranye, bari mu bwoba, abashiramwo inkomezi n'ububasha bwo gushingira intahe Yezu Kristu no gukwirakwiza hose ijambo ry'Imana, mu mpande zose z'isi.Â
«Igitangaro gikomeye cabaye kuri Pentekoti cabaye ubumwe bw'atavuga rumwe», ni ko uwo musaderdoti yavuze. Uwo musi ngo Mutima Mwerarda amaze kuza ku batumwa, abantu bose bava mu bice bitandukanye vy'isi ngo bari bakoraniye i Yeruzalemu, umwe umwe wese yumva abatumwa bamenyesha Inkuru Nziza mu rurimi rwiwe.Â
.)
Patiri Janvier Nizigiyimana yabandanije amenyesha ko umusi mukuru wa Pentekote, mu biwuranga harimwo ubumwe bw'abemera Kristu, ari na ho uwo musaderdoti, aroresha Pentekote ku Burundi, yibukije abari muri iyo nkuka y'imisa ko ukudasa, ukutareha, ukutavuga rumwe mu migambwe, ukutava hamwe, ari itunga rikomeye, kuko ngo umuntu agira ico akura ku wundi, ico amwungukirako.
Pentekoti: ubumwe buvyara amahoro
Ku bwa Patiri Janvier Nizigiyimana kandi, ikindi kintu gihambaye kiranga umusi mukuru cane wa Pentekoti ngo ni amahoro. «Pentekoti izana amahoro mu mitima, mu ngo, mu gihugu», ni ko yabishimangiye.Â
Patiri Janvier Nizigiyimana yabandanije amenyesha ko ayo mahoro ari na yo Yezu Kristu yasigiye abigishwa biwe, kandi ko ari na ko yayahaye isi yose. Ikibabaje ngo ni uko ab'isi bobo, benshi ngo bayatanga mu kwegeza kure abansi babo, mu kubica, mu kubicisha inzara, mu kubima akazi, n'ibindi. Patiri Janvier Nizigiyimana ati: «Nta bubi busumba kubohera abantu mu bukene, ukababuza amahoro, hamwe ubona y'uko ata saganirizo.»
Uwo musaderdoti ariko yaratanze ubutumwa bw'ihumure, ko Yezu mu kurungika abatumwa, yahumurije isi: ngo yabahaye ububasha, ubukuru, kugira ngo baze babukoreshe mu gukiza. Na none ico ngo ni co kiranga uwurungitswe n'Imana. Uwo musaderdoti yasozereye yipfuriza abakristu ko Pentekoti y'uyu mwaka w'2026 yobabera akaryo ko guhinduka, bakaba abakristu babushitse.Â
.)
Tubamenyeshe ko muri iyo Paruwase Katedrale Regina Mundi, ihimbazwa ry'uwo musi mukuru wa Pentekoti ryasozereye igisabisho c'imisi icenda (Neuvaine de prière) catunganijwe ngo abanyeparuwase bitegurire neza uwo musi mukuru, aho mbere baronkejwe n'inyigisho.
Tubamenyeshe kandi ko ku musi wa gatandatu buca hahimbazwa uwo musi mukuru wa Pentekote, paruwase Katedrale Regina Mundi yiriwe mu kanyamuneza ku bw'abakristu bakomejwe muri Mutima Mweranda. Ni abari bamaze igihe bitegurira iryo sakramentu.
Mathias Manirakiza, Cathédrale Regina Mundi